Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Za Njili zine z’i Mokvi (Icandikano c’ikijeworojiya co mu kinjana ca 14)

JEWOROJIYA | 1924-1990

Bibiliya mu kijeworojiya

Bibiliya mu kijeworojiya

IKIJEWOROJIYA ni rumwe mu ndimi za mbere Bibiliya yahinduwemwo, cokimwe n’igikobute, igisiriyake, ikilatini, ikinyarmeniya n’izindi. Bivugwa ko ivyandikano vya kera vy’ikijeworojiya vyanditswe nko hagati mu kinjana ca gatanu inyuma ya Kristu canke imbere yaho. Vyari bigizwe n’Injili, amakete ya Paulo n’Amazaburi. Mu binjana vyakurikiye, igikorwa co guhindura no kwimura Bibiliya mu kijeworojiya carateye imbere, bituma haboneka Bibiliya zitandukanye. *

Abanyajeworojiya barisunga cane Bibiliya mu vyo bandika no mu mico yabo. Nk’akarorero, inkuru ibabaje y’Umwamikazi Shushanik, iyanditswe nko mu mpera z’ikinjana ca gatanu, irakikiriza ku majambo yo muri Bibiliya canke ikayasubiramwo uko yakabaye. Mu cese kirekire Shota Rustaveli yatunganije nko mu 1220, ico yise “Umurwanyi yambaye urushato rw’ingwe,” yaravuze akikiriza ibijanye n’inyifato runtu abakirisu bisunga. Yaranditse ibijanye n’ubugenzi, gutanga no gukunda ba kavantara, ivyo bikaba ari ibintu Abanyajeworojiya bakibona ko ari ngirakamaro mu buzima.

^ ing. 3 Ushaka ayandi makuru, raba ikiganiro kivuga ngo “Itunga ryamaze ibinjana rinyegeye,” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ruheshi 2013.