Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ENDONEZIYA

Umutsimvyi w’umutima rugabo

André Elias

Umutsimvyi w’umutima rugabo
  • YAVUTSE 1915

  • YABATIJWE 1940

  • IVYIWE MURI MAKE Umutsimvyi w’umutima rugabo yagumye ari intahemuka naho yasambishijwe akatari gake akongera agaterwa ubwoba.

MU GIHE c’Intambara ya kabiri y’isi yose, umuvukanyi Elias n’umugore wiwe Josephine, bararengukijwe n’abategetsi b’i Sukabumi mu burengero bwa Java, ku cicaro gikuru ca Kempeitai, ca gipolisi c’iperereza c’Abayapani. André ni we yatanguye gusambishwa. Yarabajijwe ibibazo bitari bike kandi bigoye. “Mbe Ivyabona vya Yehova ni bande? Ntimurwanya intwaro y’Abayapani? Aho we nturi umutasi?”

André yishuye ati: “Dukorera Imana Mushoboravyose kandi nta kibi na kimwe twakoze.” Uwo mukomanda yaciye asokora inkota hama arayitarika.

Yaciye akankama ati: “Ndakwice ubu nyene?” André yaciye yunamika umutwe ku meza aca arasenga mu gacerere. Haciye umwanya, uwo mukomanda yaciye yaduka aratwenga. Yambwiye ati: “Iyo uva urarinda!” Yaciye ahamagara Josephine. Abonye ko ivyo avuga bihuye n’ivyo André yavuze, yaciye atontoma ati: “Mva mu maso. Ntimuri abatasi.”

Haciye amezi atari make, hari “bene wacu b’ikinyoma” bareze André aca arasubira gupfungwa. (2 Kor. 11:26) Yaramaze amezi menshi atunzwe n’udufungurwa yatora mw’itwiyo yaca mu kumba yari apfungiwemwo. Naho vyari ukwo, abajejwe ibohero ntibashoboye gusenyura ukwizera kwiwe. Igihe amaherezo Josephine yemererwa kumugendera, André yaramwongoreye acishije mu vyuma bizibira abanyororo ati: “Ntugire ikibazo. Banyica, bandekura, nzoguma ndi umwizigirwa kuri Yehova. Notuma mpfa hako mpemuka.”

Inyuma y’amezi atandatu ari mu munyororo, André yariburaniye imbere ya Sentare nkuru y’i Jakarta hanyuma ararekurwa.

Igihe Leta ya Endoneziya yasubira kubuza Ivyabona vya Yehova inyuma y’imyaka nka 30, umushikirizamanza w’i Manado mu buraruko bwa Sulawesi, yararengukije André mu biro iwe. Yamubajije ati: “Ubwo urazi ko Ivyabona vya Yehova batemewe n’amategeko?”

André yamwishuye ati: “Ndabizi.”

Uwo mutegetsi yaciye amubaza ati: “None ubu uriteguriye guheba iryo dini?”

André yaciye yunama hama yikubita ku gikiriza maze amubwira ati: “Urashobora kunkuramwo umutima ariko ntuzokwigera unkuramwo ukwizera kwanje.”

Uwo mushikirizamanza yaciye asohora André kandi ntiyigeze asubira kumugora.

André yapfuye mu 2000, afise imyaka 85 akaba yari amaze imyaka yababa 60 ari umutsimvyi w’umunyamwete.