UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) Ruhuhuma 2024

Iyi nomero irimwo ibiganiro vy’ukwiga kuva ku wa 8 Ndamukiza–5 Rusama 2024.

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 5

«Sinzokwigera ndaguheba»

Kizokwigwa mu ndwi yo ku wa 8-14 Ndamukiza 2024.

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 6

«Nimushemeze izina rya Yehova»

Kizokwigwa mu ndwi yo ku wa 15-21 Ndamukiza 2024.

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 7

Ivyigwa dukura ku Banaziri

Kizokwigwa mu ndwi yo ku wa 22-28 Ndamukiza 2024.

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 8

Nugume ugamburuka ubuyobozi bwa Yehova

Kizokwigwa mu ndwi yo ku wa 29 Ndamukiza–​5 Rusama 2024.

Nurindire Yehova unezerewe

Abantu benshi bararuhijwe n’ingorane z’iyi si magingo bakirindiriye ko Yehova agira ico akoze ku gihe yashinze. Ni ibiki none vyodufasha kurindira twihanganye kandi tunezerewe?

Abavukanyi babiri bongewe ku bagize Inama Nyobozi

Ku wa gatatu igenekerezo rya 18 Nzero 2023, vyaratangajwe ko umuvukanyi Gage Fleegle na Jeffrey Winder bagenywe kuba mu bagize Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova.

Ibibazo vy’abasomyi

Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ubushobozi Yehova afise bwo kumenyesha ibizoba?

Wari ubizi?

Raba imvo zitatu zishobora kuba zaratuma abanditse Bibiliya babigira.