Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Imbwa zanje zihabwa ibisuguti

Imbwa zanje zihabwa ibisuguti

UWITWA Nick wo muri Leta ya Oregon, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, yanditse ati: “Mu mpeshi yo mu 2014, naratanguye gutembereza utubwa twanje tubiri mu gisagara nabamwo. Hagati muri ico gisagara nama ndahasanga Ivyabona, bahagaze iruhande y’akantu k’amapine kariko ibitabu. Baba bambaye neza, kandi bararamutsa uwarengana wese bamumwenyurira.

Ivyo Vyabona ntibitaho abantu gusa, ariko baritaho n’imbwa zanje. Umusi umwe, uwitwa Elaine yari ahagaze iruhande y’ako kantu k’amapine, yarahaye ibisuguti imbwa zanje zibiri. Inyuma y’aho, igihe cose twaba tuhegereje, izo mbwa zaca zinkwega zigomba kujayo kugira zironkere ‘ibisuguti.’

Amezi atari make yarahaciye ivyo biba. Imbwa zarinovora ibisuguti nanje nkinovora ibiyago bigufibigufi twagirana n’ivyo Vyabona. Ariko rero sinashaka kumenyerana na bo cane. Nari ndengeje imyaka 70, kandi sinari nzi neza ivyo Ivyabona vya Yehova bemera. Kubera ko amadini y’abaporoti yari yaramvunye umutima, nabona ko vyoba vyiza niyigishije Bibiliya ubwanje.

Muri ico kiringo, nagiye ndabona ibindi Vyabona mu bice bitandukanye vy’ico gisagara, bahagaze iruhande ya twa tuntu tw’amapine turiko ibitabu. Na bo nyene bama bafata abantu neza. Bama bishura ibibazo nababaza bakoresheje Bibiliya, ivyo bikaba vyatumye ndushiriza kubizigira.

Umusi umwe, Elaine yambajije ati: ‘Wari uzi ko ibikoko ari ingabire iva ku Mana?’ Namwishuye nti ‘Ego cane, ndabizi!’ Elaine yaciye ansomera muri Yesaya 11:6-9. Ico kintu caratumye mpindura ivyiyumviro, naho nari nkigonanwa kwakira ibitabu vyabo.

Mu misi yakurikiye, naragiranye na Elaine n’umugabo wiwe Brent ibiyago bigufibigufi mugabo vyiza cane. Baransavye ko nosoma kuva muri Matayo gushika mu Vyakozwe n’intumwa kugira ntahure ico bisobanura kwigana Kristu. Naciye rero ndabikora. Bidatevye, naremeye ko Brent na Elaine banyigisha Bibiliya. Aho hari mu ci ryo mu 2016.

Buri ndwi, nama nshashaye kwiga Bibiliya no kwitaba amakoraniro ku Ngoro y’Ubwami. Nararengerwa n’umunezero no kubona nariko ndiga ivyo Bibiliya yigisha vy’ukuri. Inyuma y’umwaka urenga gatoyi, naciye mbatizwa ndaba Icabona ca Yehova. Ubu mfise imyaka irenga 79, kandi ndazi ko nubuye idini ry’ukuri. Yehova yarampezagiye mu kuntera iteka ryo kuba mu bagize umuryango w’abasavyi biwe.”