Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Igihe Abisirayeli bari mu bugaragwa, boba bararonka ibindi bafungura uretse manu n’inkware?

Imyaka 40 Abisirayeli bamaze bari mu bugaragwa bafungura manu. (Kuv. 16:35) Yehova kandi yarabaronkeje inkware incuro zibiri. (Kuv. 16:​12, 13; Guh. 11:31) Ariko rero Abisirayeli bararonka n’ibindi bintu bitandukanye bafungura.

Nk’akarorero, rimwe na rimwe Yehova yarajana abasavyi biwe «ahantu ho kuruhukira» hatuma baronka ivya nkenerwa mu buzima. (Guh. 10:33) Hamwe muri aho, ni mu gace gatotahaye kitwa Elimu, «ahari amariba y’amazi 12 n’ibigazi 70», ibishobora kuba vyari amatende. (Kuv. 15:27) Igitabu kimwe (Plants of the Bible) kivuga yuko ibigazi vy’itende, ivyari «bigwiriye cane, ari vyo ahanini abantu amamiliyoni bikorako mu bugaragwa, bikabaronsa ibifungurwa, amavuta n’uburaro.»

Abisirayeli bashobora kandi kuba bararuhukiye mu kandi gace kanini gatotahaye kitwa Feiran muri iki gihe, kakaba ari agace k’umubande Feiran. a Nk’uko igitabu kimwe (Discovering the World of the Bible) kibivuga, uwo mubande «w’uburebure bw’ibilometero 130, ni wo muremure cane, mwiza cane, kandi uzwi cane mu mibande yose yo mu karere ka Sinayi.» Kibandanya kivuga giti: «Nko ku bilometero 45 uvuye ku ntango z’uwo mubande, hariho agace keza cane gatotahaye k’ibilometero 4 n’imetero 800 karimwo ibigazi vyinshi kitwa Feiran, kari nko ku metero 610 hejuru y’urugero rw’ibahari. Ni Edeni y’i Sinayi. Kuva kera, ibigazi vyaho vy’amatende ibihumbi n’ibihumbi, vyaratumye abantu bahagerera.»

Ibigazi vy’amatende mu mubande Feiran

Igihe Abisirayeli bava mu Misiri, bagiye batwaye igikandu, ibikono bacumbamwo imikate, kumbure n’intete hamwe n’amavuta. Ariko rero ivyo bintu ntivyari kumara igihe kirekire. Abantu baratwaye kandi «inka, impene n’intama. Emwe ibitungwa vyinshi cane.» (Kuv. 12:​34-39) Yamara kubera ko mu bugaragwa hatari hameze neza, birashoboka ko ibitungwa bitari bike vyahapfiriye. Bimwe Abisirayeli bashobora kuba barabiriye, ibindi na vyo babitangako ibimazi, mbere no ku mana z’ikinyoma. b (Ivyak. 7:​39-43) Naho ari ukwo, Abisirayeli barorora ibitungwa bimwebimwe, twisunze ivyo Yehova yababwiye igihe bagaragaza ko batagira ukwizera. Yababwiye ati: «Abana banyu bazomara imyaka 40 ari abungere mu bugaragwa.» (Guh. 14:33) Naho bishoboka ko ibitungwa vyabo vyabaronsa amata, kumbure rimwerimwe n’inyama, birumvikana ko bitari gukwira abantu nk’imiliyoni zitatu muri iyo myaka 40. c

None ibitungwa vyakura hehe ubwatsi n’amazi? d Ico gihe birashoboka ko imvura yagwa cane, bigatuma mu bugaragwa hakaboneka ivyatsi vyinshi. Igitabu Étude perspicace des Écritures, igitabu ca 1 kivuga ko mu myaka 3.500 iheze, «muri Arabiya hari amazi menshi ugereranije n’ayahari ubu. Kuba hari imibande myinshi yahoze icamwo inzuzi, birerekana ko muri kahise higeze kugwa imvura nyinshi yatuma haba imigende y’amazi.» Naho ari ukwo, mu bugaragwa hari ahantu hagadutse kandi hateye ubwoba. (Gus. 8:​14-16) Iyo Yehova ataronsa Abisirayeli n’ibitungwa vyabo amazi ku gitangaro, bari guhona n’ibitungwa.—Kuv. 15:​22-25; 17:​1-6; Guh. 20:​2, 11.

Musa yabwiye Abisirayeli ko Yehova yari yabaronkeje manu «kugira [ba]menye ko umuntu atabeshwaho n’umukate gusa, ahubwo ko abeshwaho n’ijambo ryose riva mu kanwa ka Yehova.»—Gus. 8:3.

a Raba Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Rusama 1992, rup. 24-25.

b Bibiliya iravuga incuro zibiri aho Abisirayeli bashikaniye Yehova ibimazi vy’ibitungwa mu bugaragwa. Incuro ya mbere ni igihe hashingwa ubuherezi. Incuro ya kabiri na yo ni igihe haba Pasika. Ivyo vyose vyabaye mu 1512 imbere ya Kristu, mu mwaka ugira kabiri Abisirayeli bavuye mu Misiri.—Lew. 8:14–9:24; Guh. 9:​1-5.

c Ya myaka 40 Abisirayeli bamara mu bugaragwa iri mu kurangira, bararonse ibitungwa ibihumbi amajana banyaze bari ku rugamba. (Guh. 31:​32-34) Ariko rero, bagumye barya manu gushika binjiye mu Gihugu c’isezerano.—Yos. 5:​10-12.

d Nta cerekana ko ibitungwa vyarya manu kubera ko Yehova yari yategetse ko umwe wese yotoye ivyo ashoboye kurya.—Kuv. 16:​15, 16.