Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UMUNARA W’INDERETSI No 3 2020 | Imihezagiro yamaho Imana izoturonsa

Ni imihezagiro iyihe Imana yasezeraniye abantu? Woba wokwizigira ivyo Imana yandikishije? Ibiganiro bikurikira, biraza kukwereka ibintu bimwebimwe Imana yasezeranye, bigusigurire igituma wovyizigira, vyongere bikwereke ico wokora kugira uzokwironkere iyo mihezagiro izotuma uhimbarwa.

 

Urashobora kuronka imihezagiro yamaho iva ku Mana y’urukundo

Woba ushashaye kuba mw’isi imeze neza, isi itagiramwo intambara, ubukozi bw’ikibi canke indwara? Ivyo bintu si indoto, ni vyo nyene Imana yasezeranye.

Umuremyi wacu adukunda aratwitwararika

Imana iritaho umuryango wayo, kurya nyene serugo akunda umuryango wiwe. Uti gute?

Ingene Umuremyi wacu ahishura imigambi yiwe iranga urukundo

Imana yakoresheje gute intumwa zayo mu kwandika ubutumwa bwayo?

Ijambo ry’Imana ryoba ryarahindutse?

Raba ivyo bahinga bubuye ku bijanye na Bibiliya dufise muri iki gihe.

Turamenya ivyerekeye Imana biciye ku ntumwa zayo

Intumwa zitatu z’intahemuka z’Imana ziradufasha kumenya ivyerekeye Imana be n’ingene twokwironkera imihezagiro.

Nugume usenga usaba gushimwa n’Imana

Twosenga gute kugira ngo Imana itwumve yongere iduhezagire?

Imihezagiro abagamburukira Imana baronka

Raba ivyiza bibiri biva ku kugamburukira Imana.

Ingene twokwerekana ko dukunda bagenzi bacu

Turashobora gukunda abandi naho bitama vyoroshe.

Imihezagiro iva ku gufasha abandi

Akigoro tugira ko gufasha abandi, gashobora gute gutuma Imana idushima kandi ikaduhezagira?

Niwironkere imihezagiro irama iva ku Muremyi wacu

Ubuzima buzoba bumeze gute kw’isi Imana niyashitsa ivyo yasezeraniye Aburahamu?

Woba umaze kuvyibaza?

Niwironkere inyishu z’ibibazo vyerekeye ingorane zidushikira mu buzima be n’ivyerekeye Imana.