Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UMUNARA W’INDERETSI No 1 2023 | Bibiliya ifasha gute abarwaye mu mutwe?

Kw’isi yose, abantu amamiliyoni barahanzwe n’indwara zo mu mutwe. Abato n’abakuze, abatunzi n’abakene, abize n’abatize, abo mu moko atandukanye n’amadini atandukanye, usanga bagaragaza ibimenyetso vy’izo ndwara. None indwara zo mu mutwe ni iki, kandi abazirwaye bamera gute? Iki kinyamakuru kiratubwira igituma bihambaye ko abarwaye izo ndwara bavurwa neza be n’ingene Bibiliya ishobora kubafasha mu buryo butandukanye.

 

Indwara zo mu mutwe zihanze isi yose

Indwara zo mu mutwe zirafata abantu b’imyaka itandukanye kandi b’uburyo bwose. Raba ingene impanuro Bibiliya itanga zishobora kugufasha nimba urwaye indwara yo mutwe.

Imana irakwitwararika

Kubera iki wokwemera udakeka ko Yehova Imana agutahura kuruta uwundi muntu wese?

1 | Gusenga​—“Muterere amaganya yanyu yose kuri yo”

Woba vy’ukuri wokwitura Imana ukayibwira ikintu cose kikuraje ishinga? Gusenga bifasha gute abarwaye indwara yo guhagarika umutima cane?

2 | “Uruhoza ruva mu Vyanditswe”

Bibiliya iratanga icizigiro nyakuri c’uko vuba imibabaro yose izokurwaho burundu.

3 | Uburorero bwo muri Bibiliya burashobora kugufasha

Inkuru z’abagabo n’abagore bavugwa muri Bibiliya biyumva nk’uko twiyumva, zirashobora kudufasha kubona ko ibiriko biradushikira vyashikiye abandi.

4 | Bibiliya iratanga impanuro ngirakamaro

Raba ingene kuzirikana ku mirongo yo muri Bibiliya no kwishingira imigambi ushobora gushikako bishobora kugufasha kumenya kubana n’indwara yawe yo mutwe.

Ingene twofasha abarwaye indwara zo mu mutwe

Gushigikira umugenzi arwaye mu mutwe birashobora gutuma yumva amerewe neza.