Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Abamasoreti barimura Ivyanditswe bitonze

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | BIBILIYA YARASIMVYE IMANGA

Yararokotse naho bagerageje kuyigoreka

Yararokotse naho bagerageje kuyigoreka

INTAMBAMYI: Naho Bibiliya yanditswe ku bintu bishobora kubora kandi bakayirwanya, ntiyazimanganye. Ariko rero, hari abimuzi n’abahinduzi ba Bibiliya bagerageje kugoreka ubutumwa buri muri yo. Bamwebamwe baragerageje guhindura Bibiliya bayihuza n’ivyo bemera aho guhindura ivyo bemera ngo babihuze na Bibiliya. Ehe raba uburorero bukeyi:

  • Ikibanza co gusengeramwo: Hagati y’ikinjana ca kane n’ica kabiri imbere ya Kristu, abanditse ibitabu bitanu vya mbere vya Bibiliya mu rurimi rw’Abasamariya barongeyeko amajambo inyuma y’icanditswe co muri Kuvayo 20:17 avuga ngo: “ku Musozi Gerizimu. Ni ho uzokwubaka igicaniro.” Abasamariya babigize kugira berekane ko Ivyanditswe vyeranda bishigikira urusengero bubatse ku Musozi Gerizimu.

  • Inyigisho y’Ubutatu: Haheze imyaka idashika 300 Bibiliya irangiye kwandikwa, hari umwanditsi yemera Ubutatu yongeye kuri 1 Yohani 5:7 amajambo avuga ngo “mw’ijuru, Data, Jambo be na Mutima Mweranda: kandi abo batatu bagize umwe.” Ayo majambo ntiyarimwo mu gisomwa co mu ntango. Umuhinga mu vya Bibiliya yitwa Bruce Metzger avuga yuko “kuva mu kinjana ca gatandatu” ayo majambo “yari asigaye aboneka cane mu vyandikano vy’iminwe vya Bibiliya y’ikilatini ca kera n’ivya ya Bibiliya [y’ikilatini] yitwa Vulgate.”

  • Izina ry’Imana: Abahinduzi ba Bibiliya benshi barakuyemwo izina ry’Imana muri Bibiliya bisunze umugenzo w’Abayuda. Iryo zina barisubirije ijambo “Imana” canke “Umukama,” ayo akaba ari amatazirano Bibiliya ikoresha mu kuvuga Umuremyi, ariko ikanayakoresha mu kuvuga abantu, ibigirwamana eka mbere na Shetani.​—Yohani 10:34, 35; 1 Abakorinto 8:5, 6; 2 Abakorinto 4:4. *

INGENE BIBILIYA YAROKOTSE: Ubwa mbere, naho hari abimuzi ba Bibiliya bapfa uko bayimuye bakaba n’abanyamayeri, hari benshi wasanga ari abahinga bitondera cane igikorwa cabo. Nk’akarorero, hagati y’ikinjana ca 6 n’ica 10 inyuma ya Kristu, Abamasoreti barimuye igisomwa c’Ivyanditswe vy’igiheburayo (Isezerano rya kera). Ico gisomwa cahavuye citwa ic’Abamasoreti. Bivugwa yuko baharura amajambo n’indome bigize igisomwa kugira barabe ko batihenze. Aho biketse ikosa mu gisomwa barabirako, baca bahashira akamenyetso mu mbavu. Ntibubahuka kugira ico bahinduye muri Bibiliya. Umuhinga yitwa Moshe Goshen-Gottstein yanditse ati: “Guhindura igisomwa n’ibigirankana, babona ko ari co caha kiruta ibindi vyose.”

Ubwa kabiri, ivyandikano vy’iminwe vyinshi bihari muri iki gihe birafasha abahinga ba Bibiliya kubona ahari amakosa. Nk’akarorero, indongozi z’amadini zaramaze imyaka amajana zivuga yuko Bibiliya zabo z’ikilatini ari zo z’ukuri. Yamara muri 1 Yohani 5:7 zari zarongeyemwo ya majambo twavuga atari mu gisomwa co mu ntango. Iryo kosa ryarinjiye no muri ya Bibiliya y’icongereza bemera cane yitwa King James Version. None ibindi vyandikano vy’iminwe vyubuwe, vyahishuye iki? Bruce Metzger yanditse ati: “Ayo majambo [yo muri 1 Yohani 5:7] nta handi aboneka mu vyandikano vy’iminwe vy’amabibiliya yose ya kera . . . , kiretse mu y’ikilatini.” Ni co gituma yakuwemwo igihe Bibiliya King James Version be n’izindi zasubirwamwo.

Urupapuro rw’urufunzo rwitwa Chester Beatty P46, ruriko igisomwa co muri Bibiliya canditswe nko mu 200 inyuma ya Kristu

Ivyandikano vya kera cane vyoba vyaremeje ko igisomwa ca Bibiliya cazigamwe neza? Igisomwa co muri ya mizingo yo ku Kiyaga c’umunyu canditswe imyaka irenga 1.000 imbere y’ic’Abamasoreti. Igihe rero iyo mizingo yuburwa mu 1947, abahinga baciye bagereranya igisomwa cayo n’ic’Abamasoreti. Umwe mu bashize ahabona iyo mizingo yubuwe, yafatiye kuri umwe muri yo maze avuga ko “wemeza neza ko abimuzi b’Abayuda bagiye barimura igisomwa ca Bibiliya mu buryo bwitondewe cane kandi ata makosa, mu kiringo c’imyaka irenga 1.000.”

Ububiko bumwe bw’ibitabu bw’i Dublin muri Irlande turimwo ibitabu nka vyose bigize Ivyanditswe vy’ikigiriki (Isezerano rishasha) ku mpapuro z’urufunzo. Muri izo mpapuro harimwo izo mu kinjana ca kabiri, hakaba hari haciye nk’imyaka 100 gusa Bibiliya irangiye kwandikwa. Kazinduzi imwe y’ivya Bibiliya ivuga iti: “Ivyo vyandikano vy’urufunzo birimwo amakuru mashasha menshi ajanye n’igisomwa ubwaco, ariko biradufasha kubona ko igisomwa ca Bibiliya cazigamwe neza uko cagiye kirimurwa.”

“Ntitwoba twihenze tuvuze ko ata kindi gitabu ca kera cazigamwe neza ukuraho”

ICO VYAVUYEMWO: Kuba ivyandikano vya Bibiliya bimaze igihe kirekire bikaba kandi ari vyinshi, ntivyatumye igisomwa co muri Bibiliya gihinduka ahubwo vyatumye kiryohorwa. Ku bijanye n’Ivyanditswe vy’ikigiriki, uwitwa Frederic Kenyon yanditse ati: “Nta kindi gitabu na kimwe gifise ibintu vyinshi kandi vya kera ukuraho vyemeza ko igisomwa caco kitahindutse, kandi nta muhinga avugisha ukuri yohakana ko igisomwa [ca Bibiliya] dufise nka cose kimeze neza.” Na yo ku bijanye n’Ivyanditswe vy’igiheburayo, umuhinga William Henry Green yavuze ati: “Ntitwoba twihenze tuvuze ko ata kindi gitabu ca kera cazigamwe neza ukuraho.”

^ ing. 6 Ushaka ayandi makuru, raba Agatabu gafasha kwiga Ijambo ry’Imana igihimba ca 1 n’ica 2. Karaboneka no kuri www.pr418.com.