UMUNARA W’INDERETSI No 1 2020 | Nurondere kumenya ukuri

Bibiliya iratanga inyishu z’ukuri ku bibazo nkoramutima mu buzima.

Nurondere kumenya ukuri

Naho akenshi usanga amakuru ashikirizwa atari ay’ukuri canke agoretse, hariho ibintu wokora kugira ngo uronke inyishu z’ukuri ku bibazo nkoramutima mu buzima.

Bibiliya: Ni isôko ry’amakuru yo kwizigirwa

Urashobora kwemera udakeka ko ivyo Bibiliya ivuga ari ivyo kwizigirwa.

Ukuri kwerekeye Imana na Yezu

Yehova Imana na Yezu Kristu batandukaniye he?

Ukuri kwerekeye Ubwami bw’Imana

Ivyanditswe biravuga Umwami w’Ubwami bw’Imana, aho buri, imigambi yabwo, abatware babwo be n’abatwarwa babwo.

Ukuri ku bijanye na kazoza

Niwizere ivyo Imana ivuga ku bijanye n’ingene izohezagira isi n’abantu bazoba bayibako.

Ico kumenya ukuri vyokumarira

Kumenya ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana bivamwo ivyiza vyinshi.