Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Umuzingo wa kera waza wasomwa

Umuzingo wa kera waza wasomwa

Kubera ko uwo muzingo w’i Ein Gedi wari warahiye, nta washobora kuwusoma kuva wubuwe mu 1970. Ubuhinga bwa none buherutse kwerekana ko uwo muzingo ari igihimba c’igitabu c’Abalewi, ukaba urimwo n’izina ry’Imana ry’uruharo

MU 1970, abahinga mu vy’ubucukuzi baratoye ibisigarira vy’umuzingo wari warahiye mu gisagara ca Ein Gedi muri Isirayeli, hafi y’inkengera yo mu burengero bw’Ikiyaga c’Umunyu. Uwo muzingo bawutoye bariko baracukura ahahoze isinagogi yari yaraturiwe igihe ico gisagara casangangurwa, nko mu kinjana ca gatandatu inyuma ya Kristu. Kubera ukuntu wari warononekaye, nta washobora gusoma ivyari muri wo canke kuwuzingurura kuko waca ushwanyagurika. Ariko hari ubuhinga bwa none buherutse gutuma bashobora kubona ibiri muri wo, maze biba nk’aho bawuzinguruye. Vyongeye, ubuhinga bwa skaneri bukoreshwa mu vyo gufotora bwaratumye bashobora gusoma ivyanditse muri wo.

None bawusanzemwo ibiki? Basanze ugizwe n’igisomwa ca Bibiliya. Ibisigarira vyawo birimwo imirongo imwimwe itangura igitabu c’Abalewi. Muri iyo mirongo harimwo izina ry’Imana ry’uruharo muri za ndome zine z’igiheburayo. Bisa n’aho uwo muzingo ari uwo hagati y’umwaka wa 50 n’uwa 400 inyuma ya Kristu, bigaca vyerekana ko ari wo muzingo w’Ivyanditswe vy’igiheburayo wa kera havuye vya vyandikano vy’iminwe vyubuwe i Qumrân ku Kiyaga c’Umunyu. Uwitwa Gil Zohar yanditse mu kinyamakuru kimwe (The Jerusalem Post) yuko imizingo ya kera kuruta iyindi yose yariho imbere y’uko bashobora gusoma ico candikano c’i Ein Gedi, yatandukanywa n’ikiringo c’imyaka 1000. Iyo mizingo ni imwe yo ku Kiyaga c’Umunyu (iyabayeho nko mu mwaka wa 100 imbere ya Kristu) be na ya Codex d’Alep (iyabayeho nko mu 930 inyuma ya Kristu). Abahinga bavuga yuko ibiri muri uwo muzingo vyerekana neza ko ca gisomwa c’Abamasoreti c’Itorati “kitahindutse namba mu myaka ibihumbi camaze kandi ko n’amakosa y’abimuzi ata co yagihinduyeko.”