Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

VYOBA VYARIYADUKIJE?

Utunyabuzima tuzimanganya ibitoro

Utunyabuzima tuzimanganya ibitoro

MU 2010, hafi amalitiro imiliyoni 800 y’ibitoro yarasesetse mu Kigobe co muri Megizike inyuma y’aho icuma cimba ibitoro giturikiye mu mazi. Ariko rero haciye amezi vyinshi vyari bimaze kuzimangana. None vyagenze gute?

Rimbura ibi: Abahinga berekanye ko ikigwi c’utunyabuzima tuba mu mazi dushobora kuzimanganya ibitoro. Umuhinga yitwa Terry Hazen utwo tunyabuzima yatwise “amabombe asambura ibitoro.” Utwo tunyabuzima turi mu vyafashije kuzimanganya vya bitoro vyaseseka mu Kigobe co muri Megizike.

Ikiganiro kimwe co kuri BBC cavuze giti: “Ntibitangaje kubona amabahari arimwo utunyabuzima tumiragura ibitoro.” Nakare, haraciye imyaka n’iyindi “ibintu vyo mu bidukikije birekurira ibitoro mu mabahari.”

Mu vy’ukuri, abantu baragerageza gusukura ahasesetse ibitoro kandi bakagira ico bashitseko. Ariko uburyo bakoresha bwoshobora guteza ingorane kuruta ivyiza buvamwo. Imiti bakoresha irabangamira ibintu vyafasha mu kuzimanganya ivyo bitoro ata ngorane. Uretse ivyo, iyo miti irimwo ubumara kandi ironona cane ibidukikije. Mugabo ibintu bifasha kuzimanganya ibitoro ata ngorane, nka twa tunyabuzima tubimiragura, biratuma amabahari yisukura bitarinze guteza ingorane nko gukoresha imiti. *

None uvyibazako iki? Utwo tunyabuzima tumiragura ibitoro twoba twapfuye kwiyadukiza? Canke hariho uwaduhinguye?

^ ing. 6 Ubu ntitwoshobora kumenya izindi ngorane rya sanganya ryabera mu Kigobe co muri Megizike rishobora kuzoteza ibinyabuzima vyo mu mazi.