Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

VYOBA VYARIYADUKIJE?

Ibitensi vy’umunzerere

Ibitensi vy’umunzerere

KUVA kera na rindi abantu bamye bibaza ko ari bo batanguye gukoresha ubuhinga bw’ibitensi. Bari bihenze. Basanze hari agakoko ko mu bwoko bw’iminzerere gakoresha ubwo buhinga igihe kakiri gato. Utwo dukoko dukunze kuba mu mashamba hirya no hino i Buraya. *

Iyo ako gakoko kakiri gato karashobora gutaruka mu kanya isase. Upfa gukubita urugohe ntumenya iyo kazimanganiye. Kugira gataruke gutyo bisaba ko amaguru yako yompi y’inyuma ahagurukira rimwe kandi abigiranye inguvu zingana. None ivyo kabishobora gute?

Rimbura ibi: Abahinga basanze mw’iteranirizo ry’utuguru tw’inyuma tw’ako gakoko hariho utwinyo twinjiranamwo. Igihe ako gakoko gatarutse, utwo twinyo dutuma utwo tuguru duhagurukira rimwe. Atari ukwo kotaruka nabi kakagwa nabi.

Ibindi bikoko mu gusimba bikoresha ubwonko kugira amaguru yavyo ahagurukire rimwe. Yamara ako gakoko, gakoresheje ubwonko kohava kikwega. Gaca gakoresha rero ubwo buhinga bw’ibitensi. Umwanditsi akaba n’umushakashatsi yitwa Gregory Sutton avuga ati: “Dukunze kwiyumvira ko ivyuma vyahinguwe n’abantu ari vyo vyonyene bikoresha ubuhinga bw’ibitensi.” Mugabo avuga ko biri ukwo kubera ko “tutarondereye [ahandi] twitonze.”

None uvyibazako iki? Ubuhinga bw’ibitensi bw’ako gakoko bwoba bwariyadukije? Canke hari uwabuhinguye?

^ ing. 3 Iyo kamaze gukura ubwo buhinga ntibuba bugikora.