Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

BE MASO! No 2 2020 | Inyishu z’ibibazo 5 vyerekeye imibabaro

Mu buzima, twese turashikirwa n’ivyago. Ishobora kuba ari indwara, isanganya, icago c’icaduka canke ubugizi bwa nabi.

Abantu baguma barondera inyishu.

  • Hari abavuga ko imibabaro iterwa n’ivyo Imana yatwandikiye canke ko ata kinini twohindura ku bidushikira.

  • Abandi na bo bemera ko dushikirwa n’imibabaro kubera ikintu kibi tuba twarakoze kera.

Akenshi ivyago bituma abantu bagumana ibibazo vyinshi badafitiye inyishu.

Ivyo bamwebamwe bemera

Nugereranye ukuntu amadini atandukanye abona ibituma dushikirwa n’imibabaro.

1 Imana yoba ari yo iduteza imibabaro?

Abantu barahenzwe n’inyigisho zivuga Imana uko itari. None ukuri ni ukuhe?

2 Twoba ari twe twikwegera imibabaro idushikira?

Nimba inyishu ari ego, twoba rero dushoboye kugabanya imibabaro idushikira.

3 Kubera iki abantu beza bashikirwa n’imibabaro?

Bibiliya iradufasha gutahura inyishu.

4 Twoba twaremwe kugira dushikirwe n’imibabaro?

Imana yaremye ibintu vyiza ukuraho kw’isi, yoba yodushira mu buzima burimwo ingorane? Nimba atari ukwo, ni igiki kitagenze neza?

5 Twoba tuzokwigera turuhurirwa?

Bibiliya iratubwira neza ingene Imana izokuraho imibabaro.

Ivyogufasha

Naho ingorane zacu zisa n’izitotorerwa umuti, hariho ikintu co kwizigirwa cogufasha.