Ja ku birimwo

Ubuyobozi bujanye n’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu

Ubuyobozi bujanye n’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu

Ibirimwo

1. Ubu buyobozi buzofasha abafise ibiganiro mw’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu bose. Imbere yo gutegura ikiganiro cabo, bakwiye kwihweza ubuyobozi bujanye n’ico kiganiro buri mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu be n’ubwatanzwe ng’aha. Abamamaji bose bakwiye kuremeshwa kwitanga kugira bashikirize ibiganiro vy’abanyeshure. Abandi bama bitaba amakoraniro y’ishengero barashobora kwiyandikisha mw’ishure nimba bemera inyigisho zo muri Bibiliya kandi bakaba babaho bisunga ingingo ngenderwako za gikirisu. Igihe hari umuntu atari umwamamaji yipfuje kugira uruhara mw’ishure, umucungezi w’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu akwiye kuganira na we ibisabwa maze akamumenyesha nimba abikwije. Ivyo akwiye kubigira ari kumwe n’uwumwigisha Bibiliya (canke ari kumwe n’umuvyeyi wiwe yizera). Ivyo bisabwa birasa n’ibisabwa ku muntu ashaka kuba umwamamaji atarabatizwa.—od ikig. 8 ing. 8.

 INTANGAMARARA

2. Umunuta umwe. Buri ndwi, inyuma y’ururirimbo n’isengesho ry’intango, umuhagarikizi w’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu azoshikiriza intangamarara ituma abari aho bitegana umushasharo ibigiye gushikirizwa. Umuhagarikizi akwiye kwibanda ku vyiyumviro vyofasha cane ishengero.

  UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

 3Insiguro: Iminuta cumi. Agatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu karimwo umutwe w’iyo nsiguro n’ivyiyumviro nyamukuru bibiri canke bitatu ishingiyeko. Iyo nsiguro ikwiye gutangwa n’umukurambere canke umukozi w’ishengero abishoboye. Igihe dutanguye igitabu gishasha mu busomyi bwa Bibiliya, hazokwerekanwa ividewo y’incamake yaco. Umushikirizansiguro yoshobora kwerekana ingene insiguro yiwe ifitaniye isano n’iyo videwo. Naho ari ukwo, akwiye kwitwararika guhetura ivyiyumviro nyamukuru biri mu gatabu k’ikoraniro. Vyongeye, umwanya ubimukundiye arakwiye gukoresha neza amashusho, na yo akaba agenewe kwunganira amayagwa y’iyo nsiguro. Yoshobora no kwongeramwo ayandi marabiro nimba hari ico aterera ku vyiyumviro bijanye n’iyo nsiguro.

 4Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya: Iminuta cumi. Ni ikiganiro c’ibibazo n’inyishu kitagira intangamarara canke insozero. Gikwiye gushikirizwa n’umukurambere canke umukozi w’ishengero abishoboye. Akwiye kubaza birya bibazo uko ari bibiri. Ikindi kandi, yoraba ko imirongo yatanzwe yosomwa canke ko itorinda gusomwa. Abatanga inyishu bakwiye kuzitanga mu masegonda 30 canke adashika.

 5Igisomwa ca Bibiliya: Iminuta ine. Gikwiye gushingwa umunyeshure w’igitsina-gabo. Uwo munyeshure akwiye gusoma amayagwa yatanzwe atiriwe arashikiriza intangamarara canke insozero. Umuhagarikizi w’ikoraniro azokwitwararika canecane gufasha abanyeshure gusoma ata makosa kandi batahura ivyo bariko barasoma, kuvuga borohewe, gushimika mu buryo bubereye, guhindagura ijwi, kuruhuka mu buryo bubereye no kumera uko basanzwe bameze. Kubera yuko ibisomwa bimwebimwe usanga ari birebire ibindi na vyo bikaba bigufi, umucungezi w’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu akwiye kubiha abanyeshure yisunze ubushobozi bwabo.

 NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO

6. Iminuta cumi n’itanu. Iki gihimba kigenewe guha bose akaryo ko kwimenyereza indimiro no kuryohora ubuhanga bwabo bwo kuganira n’ubwo kwamamaza no kwigisha. Igihe bikenewe, abakurambere na bo nyene boshobora gushingwa ibiganiro vy’abanyeshure. Umunyeshure wese akwiye gukorera kw’inota ryo mu gatabu Kwigisha canke Nukunde abantu riba ryerekanywe mu tuzitizo iruhande y’ikiganiro ciwe mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu. Bizoshika ku rutonde hajemwo ikiganiro co guhana ijambo. Mwene ico kiganiro kizoshikirizwa n’umukurambere canke umukozi w’ishengero abishoboye.—Ku bijanye n’ibiganiro vyo guhana ijambo, raba  ingingo ya 15.

 7Gutanguza ikiyago: Aka gace koshobora gushingwa umunyeshure w’igitsina-gabo canke w’igitsina-gore. Uwumufasha akwiye kuba ari uwo basangiye igitsina canke uwo mu muryango wiwe. Umunyeshure n’uwumufasha boshobora kwicara canke guhagarara.—Ushaka amakuru yiyongereye ku bijanye n’isoko ry’amayagwa hamwe n’ikiringo gifatirwako bijanye n’aka gace, raba  ingingo ya 12 n’iya  13.

 8Gukurikirana abashimishijwe: Aka gace koshobora gushingwa umunyeshure w’igitsina-gabo canke w’igitsina-gore. Uwumufasha akwiye kuba ari uwo basangiye igitsina. (km-F 5/97 rup. 2) Umunyeshure n’uwumufasha boshobora kwicara canke guhagarara. Umunyeshure akwiye kwerekana uko umuntu yobigenza asubiye kuraba uwashimishijwe igihe baheruka kuganira.—Ushaka amakuru yiyongereye ku bijanye n’isoko ry’amayagwa hamwe n’ikiringo gifatirwako bijanye n’aka gace, raba  ingingo ya 12 n’iya  13.

 9Guhindura abantu abigishwa: Aka gace koshobora gushingwa umunyeshure w’igitsina-gabo canke w’igitsina-gore. Uwumufasha akwiye kuba ari uwo basangiye igitsina. (km-F 5/97 rup. 2) Umunyeshure n’uwumufasha boshobora kwicara canke guhagarara. Umunyeshure akwiye kugira umwerekano w’inyigisho ya Bibiliya iriko irayoborwa. Ntakwiye gushikiriza intangamarara canke insozero kiretse igihe yahawe gukorera ku manota abimusaba. Ntibikenewe ko basoma amayagwa yose yatanzwe n’ijwi ryumvikana, naho vyoshika bikagirwa.

 10Gusigura ivyo wemera: Igihe aka gace ari insiguro, gakwiye gushingwa umunyeshure w’igitsina-gabo. Igihe ari umwerekano na ho, koshobora gushingwa umunyeshure w’igitsina-gabo canke w’igitsina-gore. Uwumufasha akwiye kuba ari uwo basangiye igitsina canke uwo mu muryango wiwe. Umunyeshure akwiye kwishura mu buryo butomoye ariko abigiranye ubugenge ikibazo kigize umutwe w’ikiganiro ciwe akoresheje amakuru ari mw’irabiro bamuhaye. Igihe uwo munyeshure ashikiriza ikiganiro ciwe, yoshobora guhitamwo kuvuga irabiro yagikuyemwo canke ntarivuge.

 11Insiguro: Aka gace gakwiye gushingwa umunyeshure w’igitsina-gabo, akagashikiriza nk’insiguro ishikirizwa ishengero. Igihe iyo nsiguro ishingiye ku ciyumviro co mu nyongera ya A y’agatabu Nukunde abantu, umunyeshure akwiye kwerekana neza ingene icanditswe (canke ivyanditswe) catanzwe cokoreshwa mu ndimiro. Nk’akarorero, yoshobora gusigura igihe icanditswe cokoreshwa, ico gisobanura, n’ukuntu twogikoresha mu gufasha umuntu kuzirikana. Igihe iyo nsiguro ishingiye ku ciyumviro co mu vyigwa vyo mu gatabu Nukunde abantu, umunyeshure akwiye kwibanda ku kuntu twoshira mu ngiro ico cigwa mu ndimiro. Yoshobora kuvuga akarorero katanzwe mu ciyumviro ca 1 c’icigwa canke akavuga bimwe mu vyanditswe vy’inyongera biri mu cigwa, nimba vyofasha.

   12Isoko ry’amayagwa: Ibivugwa muri iyi ngingo no mu yikurikira vyerekeye agace «Gutanguza ikiyago» na «Gukurikirana abashimishijwe.» Kiretse aho vyerekanywe ukundi, umunyeshure akwiye kuba afise intumbero yo kubwira uwo baganira ukuri kworoshe kwo muri Bibiliya guhuye n’uko ivyiwe vyifashe, no gucira inzira ikiyago kizokurikira. Umunyeshure akwiye guhitamwo iciyumviro gihuye n’igihe kandi gihuye n’uko ivyo muri ako karere vyifashe. Yoshobora guhitamwo gukoresha igisohokayandikiro canke ividewo vyo mu Bikoresho bidufasha kwigisha. Aho gusubiramwo ivyo bafashe ku mutwe, abanyeshure bakwiye kwimenyereza ubuhanga bwo kuyagisha abantu, nko kwitwararika abandi no kuyaga mu buryo busanzwe.

   13Ikiringo gifatirwako: Ikiringo catanzwe umunyeshure akwiye kugihuza n’uko ibintu vyifashe mu karere iwabo. Nk’akarorero:

  1.  (1) Inzu ku nzu: Ico kiringo kiba kirimwo kwamamaza inzu ku nzu, haba amaso mu yandi, kuri telefone canke biciye kw’ikete. Kiba kirimwo kandi gukurikirana umuntu yashimishijwe igihe mwayaga mu busuku bw’inzu ku nzu.

  2.  (2) Akaryo kizanye: Ico kiringo cerekana ingene twokoresha uturyo turonka two guhindura ikiyago gisanzwe kikaba ikiyago gishingiye kuri Bibiliya. Hoshobora kujamwo kubwira iciyumviro gishingiye ku Vyanditswe uwo mukorana, uwo mwigana, umubanyi, uwo muri kumwe muri bisi, canke ahandi igihe wibereye mu bikorwa vya misi yose.

  3.  (3) Ku mugaragaro: Ico kiringo coshobora kwerekeza ku gukoresha ka kantu k’amapine, kwamamaza mu bibanza vy’ubudandaji, kw’ibarabara, mu bibanza vyo kwisamarizamwo, aho baparika imiduga canke ahandi hose ushobora gusanga abantu.

 14Gukoresha amavidewo n’ibisohokayandikiro: Bivanye n’uko ibintu vyifashe, umunyeshure yoshobora guhitamwo gukoresha ividewo canke gutanga igisohokayandikiro. Nimba ikiganiro yahawe kirimwo ividewo canke akaba yahisemwo gukoresha ividewo, akwiye kuyicira inzira kandi bakayiganirako batarinze kuyiraba.

  UBUZIMA BW’UMUKIRISU

15. Inyuma y’ururirimbo, haca hakurikira igihimba c’iminuta 15 kigizwe n’ikiganiro kimwe canke bibiri bigenewe gufasha abumviriza kubona ingene boshira mu ngiro Ijambo ry’Imana. Kiretse aho vyerekanywe ukundi, ibi biganiro bizohora bitangwa n’abakurambere canke abakozi b’ishengero babishoboye, uretse ikiganiro c’ibikenewe iwacu gitangwa n’abakurambere gusa. Igihe ari ikiganiro co guhana ijambo, uwugishikiriza yoshobora kuza arabaza ibibazo vyiyongera ku vyatanzwe. Akwiye gushikiriza intangamarara ngufi kugira aronke umwanya uhagije wo guca irya n’ino ivyiyumviro nyamukuru no kugira abumviriza baronke umwanya uhagije wo kwishura. Nimba harimwo ikiganiro co kubaza ibibazo, vyoba vyiza uwubazwa ibibazo agiye ku mukiruruko nimba bishoboka, aho kuguma mu kibanza.

  16Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero: Iminuta mirongo itatu. Ikwiye kuyoborwa n’umukurambere abishoboye. (Ahari abakurambere bakeyi, abakozi b’ishengero babishoboye boshobora gukoreshwa, nimba bikenewe.) Inama y’abakurambere ni yo yemeza abashoboye kuyobora Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero. Abemejwe bakwiye kuba bashoboye guhagarikira neza iyo nyigisho ku buryo bubahiriza umwanya, bagashimika ku vyanditswe nyamukuru bakongera bagafasha umwumwe wese kubona ingene ayo mayagwa amufitiye akamaro. Kurimbura ubuyobozi bwerekana ukuntu ibiganiro vy’ibibazo n’inyishu biyoborwa vyobafasha cane. (w23.04 rup. 24, uruzitiro) Mumaze guhetura neza amayagwa y’iyo ndwi, ntibikenewe kurandira. Aho bishoboka, abayobora iyo nyigisho hamwe n’abasomyi bakwiye guhinduka buri ndwi. Umuhagarikizi w’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu niyasaba uwurongora iyo nyigisho kugabanya umwanya, uwuyirongora ni we azohitamwo uko yobigenza. Yoshobora guhitamwo ko ingingo zimwezimwe zidasomwa.

  AMAJAMBO YO GUSOZERA

17. Iminuta itatu. Umuhagarikizi w’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu azogaruka ku vyiyumviro abona ko bihambaye cane mu vyashikirijwe mw’ikoraniro. Azoca ku masonga kandi ibizokwihwezwa mu ndwi ikurikira. Nimba umwanya ubimukundiye, yoshobora kuvuga amazina y’abanyeshure bazoshikiriza ibiganiro mu ndwi iza. Kiretse aho vyerekanywe ukundi, mu gusozera umuhagarikizi akwiye gusomera ishengero amatangazo canke amakete yoba akenewe. Amakuru ajanye n’ibintu vyama bikorwa, nk’intunganyo zo gusohoka mu ndimiro n’intonde zo kugira isuku ntibikwiye gutangazwa ku mukiruruko, ahubwo bikwiye kumanikwa ku kibaho c’amatangazo. Nimba bitokunda ko umuhagarikizi asoma amatangazo yose canke amakete yose mu mwanya wagenewe amajambo yo gusozera, akwiye guca asaba abavukanyi bafise ibiganiro mu gihimba c’Ubuzima bw’umukirisu kugabanya umwanya uko bishoboka kwose. (Raba  ingingo ya 16 n’iya  19.) Ikoraniro rikwiye gusozerwa n’ururirimbo be n’isengesho.

  GUKEZA NO GUTANGA IMPANURO

18. Umunyeshure wese ahejeje gushikiriza ikiganiro ciwe, umuhagarikizi w’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu azokoresha hafi umunuta umwe mu kumukeza no mu kumuha impanuro zishingiye kw’inota yahawe. Igihe umuhagarikizi ahaye ikaze umunyeshure, ntazovuga inota yahawe gukorerako. Ariko umunyeshure arangije ikiganiro ciwe, umuhagarikizi yomukeza hanyuma akavuga inota yariko arakorerako. Yonavuga ivyerekana ko uwo munyeshure yarikurikije neza canke agasigura abigiranye umutima mwiza igituma yorushiriza kuriryohora n’ingene yobigira. Umuhagarikizi yoshobora no kugira ico avuze ku bindi bintu vyiza vyabaye muri ico kiganiro, nimba abona ko vyofasha uwo munyeshure canke abumviriza. Izindi mpanuro zubaka zishingiye ku gatabu Nukunde abantu, ku gatabu Kwigisha canke ku gitabu Ishure ry’ubusuku zoshobora gutangwa mu mwiherero ikoraniro rirangiye canke ikindi gihe, zaba zerekeye inota yariko arakorerako canke irindi.​—⁠Ushaka kumenya vyinshi ku ruhara rw’umuhagarikizi w’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu n’uruhara rw’umuhanuzi w’inyongera, raba  ingingo ya 19,  24, n’iya  25.

     UMWANYA

19Nta kiganiro na kimwe gikwiye kurenza umwanya, eka n’amajambo y’umuhagarikizi w’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu ni ukwo nyene. Naho mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu berekana umwanya ikiganiro cose kimara, nimba umuntu yahetuye amayagwa yose yahawe, ntibikenewe ko yongerako ayandi makuru kugira gusa amare umwanya wose wagenewe ikiganiro ciwe. Igihe umuntu arengeje umwanya, umuhagarikizi w’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu canke umuhanuzi w’inyongera bakwiye kumuha impanuro mu mwiherero. (Raba ingingo ya  24 n’iya  25.) Ikoraniro ryose, ushizemwo indirimbo n’isengesho ritangura n’irisozera, rikwiye kumara isaha 1 n’iminuta 45.

 URUGENDO RW’UMUHAGARIKIZI W’UMUZUNGURUKO

20. Mu gihe ishengero ririko rigenderwa n’umuhagarikizi w’umuzunguruko, programa ikwiye kugenda nk’uko vyerekanwa mu gatabu k’ikoraniro kiretse ibi bikurikira: Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero iri mu gihimba c’Ubuzima bw’umukirisu izosubirizwa n’insiguro y’umurimo y’iminuta 30 ishikirizwa n’umuhagarikizi w’umuzunguruko. Imbere y’uko iyo nsiguro itangura, umuhagarikizi w’ikoraniro azogira isubiramwo ry’ivyo mwize, avuge incamake y’ivyo mu ndwi iza, asome amatangazo hamwe n’amakete yose akenewe, ace aha ikaze umuhagarikizi w’umuzunguruko. Umuhagarikizi w’umuzunguruko ahejeje insiguro yiwe y’umurimo azoca asozera amakoraniro n’ururirimbo yahisemwo. Yoshobora guha ikaze uwundi muvukanyi kugira ature isengesho ryo gusozera. Nta mashure y’inyongera yo mu rurimi ishengero rikoresha akwiye kugirwa igihe umuhagarikizi w’umuzunguruko yabagendeye. Umugwi woshobora kugira amakoraniro yawo n’igihe nyene umuhagarikizi w’umuzunguruko aba yagendeye ishengero ukukira. Ariko rero, abawugize bakwiye guca baza kwifatanya n’ishengero kugira ngo bakurikire insiguro y’umurimo ishikirizwa n’umuhagarikizi w’umuzunguruko.

 INDWI Y’ITERANIRO CANKE Y’IHWANIRO

21. Mu ndwi y’iteraniro canke y’ihwaniro, nta makoraniro aba. Abagize ishengero bakwiye kwibutswa ko amayagwa yo muri iyo ndwi akwiye kwigwa n’umuntu ku giti ciwe canke mu muryango.

 INDWI Y’ICIBUTSO

22. Igihe Icibutso kibaye mu ndwi hagati, nta koraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu rizoba.

 UMUCUNGEZI W’IKORANIRO RY’UBUZIMA BWACU N’IGIKORWA CACU

23. Inama y’abakurambere iragena umukurambere kugira abe umucungezi w’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu. Ajejwe kuraba ko iryo koraniro ritunganijwe neza be n’uko riyoborwa hisunzwe ubu buyobozi. Akwiye gukorana neza n’umuhanuzi w’inyongera. Agatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu kakimara kuboneka, umucungezi w’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu azoca ashinga abazoshikiriza ibiganiro vyose vyo mw’ikoraniro mu kiringo c’amezi abiri. Aho harimwo ibiganiro bitari ivy’abanyeshure, abahagarikizi bari mu bemejwe n’inama y’abakurambere hamwe n’ibiganiro vy’abanyeshure. (Raba  ingingo ya 3-16 n’iya  24.) Igihe ashinga ikiganiro umunyeshure, akwiye kurimbura imyaka afise, utuntu n’utundi azi hamwe n’umwidegemvyo wo kuvuga yogira ku bijanye n’ico kiganiro. Akwiye kurimbura ivyo bintu nyene igihe ashinga abashikiriza ibindi biganiro vyo mw’ikoraniro. Abashikiriza ibiganiro bakwiye kubimenyeshwa hagisigaye n’imiburiburi indwi zitatu ngo babishikirize. Ku biganiro vy’abanyeshure hoshobora gukoreshwa agakaratasi Ikiganiro co gushikiriza mw’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu (S-89). Umucungezi w’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu akwiye kwiyemeza ko urutonde rw’ikoraniro rwamanitswe ku kibaho c’amatangazo. Inama y’abakurambere yoshobora kugena uwundi mukurambere canke umukozi w’ishengero ngo amufashe. Ariko abakurambere bonyene ni bo bakwiye gukoreshwa mu gushinga aboshikiriza ibiganiro bitari ivy’abanyeshure.

    UMUHAGARIKIZI W’IKORANIRO RY’UBUZIMA BWACU N’IGIKORWA CACU

24. Buri ndwi, umukurambere umwe arahagarikira iryo koraniro. (Ahari abakurambere bakeyi, abakozi b’ishengero babishoboye boshobora gushingwa iryo banga, nimba bikenewe.) Arategura intangamarara n’amajambo yo gusozera. Vyongeye, ni we aha ikaze abashikiriza ibiganiro bose, kandi bivanye n’ukuntu abakurambere bangana, arashobora no gutanga ibindi biganiro vyo muri iryo koraniro, na canecane ibiganiro bigizwe n’ividewo gusa. Akwiye guca make mu vyo avuga hagati y’ikiganiro n’ikindi. Inama y’abakurambere ni yo igena abakurambere bashoboye guhagarikira iryo koraniro. Abo bakurambere baza barakurakuranwa guhagarikira. Bivanye n’ingene ibintu vyifashe, umucungezi w’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu yoshobora guhagarikira kenshi kuruta abandi bakurambere. Nimba umukurambere ashoboye kuyobora Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero, hari igihe yoba ashoboye no kuba umuhagarikizi w’ikoraniro. Ariko rero, mwibuke ko umukurambere ahagarikiye ikoraniro asabwa gukeza abanyeshure mu buryo ngirakamaro kandi abigiranye urukundo, no kubaha impanuro igihe bikenewe. Umuhagarikizi ni we kandi ajejwe kuraba ko iryo koraniro rirangira ku gihe. (Raba  ingingo ya 17 n’iya  19.) Nimba umuhagarikizi avyipfuza kandi hakaba hariho ikibanza gikwiye, ku mukiruruko hoshobora gushirwa iyindi mikoro ihagaze yokoresha mu guha ikaze abashikiriza ibiganiro. Muri uwo mwanya, uwugiye gushikiriza ikiganiro gikurikira akwiye guca aba araza agahagarara imbere ya mikoro yiwe. Umuhagarikizi kandi yoshobora guhitamwo kwicara ku mukiruruko mu gihe umunyeshure ariko arasoma igisomwa ca Bibiliya canke mu mwanya w’igihimba Niwijukire igikorwa co mu ndimiro. Ivyo birashobora gucungura umwanya.

   UMUHANUZI W’INYONGERA

25. Aho bishoboka hose, ni vyiza ko yoba ari umukurambere yigisha neza. Ajejwe guha impanuro mu mwiherero abakurambere n’abakozi b’ishengero ku biganiro ivyo ari vyo vyose boba bashikirije, nimba bikenewe. Aho harimwo ibiganiro bashikiriza mw’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu, insiguro za bose, gusoma canke kuyobora Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi canke Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero. (Raba  ingingo ya 19.) Nimba mw’ishengero hari abakurambere benshi babishoboye kandi bigisha neza, umuhanuzi w’inyongera arashobora guhinduka buri mwaka. Ntibikenewe ko umuhanuzi w’inyongera atanga impanuro ku kiganiro cose catanzwe.

 AMASHURE Y’INYONGERA

26. Bivanye n’igitigiri c’abanyeshure, ishengero ryoshobora kugira amashure y’inyongera ku biganiro bihabwa abanyeshure. Ishure ryose ry’inyongera rikwiye kugira umuhagarikizi abishoboye, kandi vyoba vyiza abaye umukurambere. Aho vyokenerwa, umukozi w’ishengero abishoboye yoshobora gushingwa iryo banga. Inama y’abakurambere ni yo igena uwo muhagarikizi kandi ikaraba ko vyoba bibereye yuko yoza arahinduka. Uwo muhagarikizi akwiye gukurikiza ubuyobozi buri mu  ngingo ya 18. Nimba mufise ishure ry’inyongera, abanyeshure bakwiye gusabwa kuja aho ribera inyuma y’igice kivuga ngo Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya kiri mu gihimba c’Ubutunzi bwo mw’Ijambo ry’Imana. Bakwiye kugaruka ikiganiro ca nyuma c’abanyeshure kirangiye.

 AMAVIDEWO

27. Hazokoreshwa amavidewo muri iri koraniro. Amavidewo akoreshwa mw’ikoraniro ryo hagati mu ndwi azoboneka kuri JW Library® kandi abafise utwuma ngendanwa tw’ubwoko butandukanye bazoyaronka.

© 2023 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania

S-38-RU 11/23