Igikorwa cacu co kwamamaza

IGIKORWA CO KWAMAMAZA

Isekeza ryavuyemwo ivyiza vyinshi mu karere ka Laponie

Raba ingene abasangwabutaka bo mu karere ka Laponie bakiriye utwigoro Ivyabona bagize kugira babafashe.

IGIKORWA CO KWAMAMAZA

Isekeza ryavuyemwo ivyiza vyinshi mu karere ka Laponie

Raba ingene abasangwabutaka bo mu karere ka Laponie bakiriye utwigoro Ivyabona bagize kugira babafashe.

Mu Budagi: Twa tuntu tw’amapine twarajanywe mu turere abantu bajamwo bari mu karuhuko

Ivyabona barashira utuntu tw’amapine i Berlin, Cologne, Hamburg, Munich no mu bindi bisagara. None utwo tuntu tw’amapine twoba twoshobora kuba ngirakamaro no mu bisagara Abadagi bajamwo mu karuhuko?

“Ingabire Imana yahaye abantu” yarerekanywe mu gisagara ca Cluj-Napoca

Abanyeshure n’abigisha barashimye amabibiliya, ibitabu bishingiye kuri yo n’amavidewo vyerekanywe kw’ihayanishwa ry’ibitabu ryabereye muri Rumaniya.

Kubwira inkuru nziza aba Sinti n’aba Rom bo mu Budagi

Mw’isekeza ridasanzwe Ivyabona bagize mu 2016, batanze udupapuro tw’inkuru nziza hafi 3.000, baganira n’aba Sinti n’aba Rom barenga 360, batanguza inyigisho za Bibiliya 19.

Barerekanye diyama y’ubundi bwoko

Abana barakunze cane twa tuvidewo twa Kalebu twigisha abana gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya.

Inkuru nziza ku basozabwato

Kubera ko abasozabwato bama bariko baragenda, kugira ngo Ivyabona bababwire inkuru nziza barashizeho porogarama yo kwamamaza ku bivuko bikurubikuru. None abo basozabwato bakira gute ubutumwa babashikiriza?

Bamenyesha i Paris icizigiro Bibiliya itanga

Ivyabona vya Yehova baragize isekeza ridasanzwe ryo kumenyesha icizigiro Bibiliya itanga kijanye no kuba kw’isi itagira ibiyonona.

Kubwira inkuru nziza abasangwabutaka bo muri Kanada

Ivyabona vya Yehova baravuga ubutumwa mu ndimi zitandukanye z’abasangwabutaka kugira babafashe kumenya ivyerekeye Umuremyi wabo mu ndimi bonse.

Umusi mukuru w’abasangwabutaka bo muri Amerika i New York

Kw’isabukuru yabaye mu 2015, abantu benshi baratangajwe n’ibitabu Ivyabona berekanye biri mu ndimi z’abasangwabutaka bo muri Amerika.

Baca mu kiyaga n’amaguru bagiye kuvuga inkuru nziza

Ivyabona vya Yehova barakoresha uburyo budasanzwe kugira ngo babwire inkuru nziza abantu baba mu tuzinga dusabagiye mu kiyaga twitwa Halligen.

Inkuru nziza ishikanwa iyo catawe

Naho bitoroshe, Ivyabona vya Yehova baramara igihe kirekire mu turere turi iyo catawe kugira bafashe abantu bipfuza kwiga Bibiliya.

JW.ORG mw’ihayanishwa ry’ibitabu muri Kanada

Ivyabona vya Yehova baratanze ibitabu, barerekana amavidewo be n’ingene umuhora jw.org ukora. None abahagendeye bavyakiriye gute?

Hararungitswe utuntu two gushirako ibitabu turenga 165.000

Naho nyene kuvuga inkuru nziza inzu ku nzu bikiri bwo buryo nyamukuru Ivyabona vya Yehova bakoresha mu kubwira abantu ukuri kwo muri Bibiliya, twa tuntu bashirako ibitabu bwarabafashije cane gushikira abantu.

Ivyabona vya Yehova bashikira ibitigiri vy’intibagirwa

Muri Myandagaro 2014, hari Ivyabona vya Yehova barenga imiliyoni 8 bavuga ubutumwa. Igitigiri cabo congerekanye gute kuva Intambara ya mbere y’isi yose irangiye?

Isekeza ryagizwe kw’isi yose ku bwo kumenyekanisha umuhora JW.ORG

Ivyabona vya Yehova baratanze agapapuro k’inkuru nziza muri Myandagaro 2014 kugira ngo batume abantu bijukira umuhora wabo wa jw.org. Havuyemwo iki?

Ihayanishwa ridasanzwe rya Bibiliya mu Bufaransa

Abantu baje kw’ihayanishwa mpuzamakungu ryo kugurisha ibintu ryabereye i Rouen mu Bufaransa mu 2014, bariboneye ikibanza gikwegera cane canditseko ngo “Bibiliya yamyeho, iriho kandi izokwamaho.”

Tubwire abandi ivyerekeye Bibiliya dukoresheje umuhora JW.ORG

Ivyabona vya Yehova, baba abato canke abakuze, barakunda gukoresha umuhora wabo watunganijwe bushasha kugira babwire abantu benshi bashoboka inkuru nziza yerekeye Ubwami bw’Imana.

Kwamamaza mu karere kari ukwa konyene muri Ostraliya

Abagize umuryango umwe baratuyagira ingene vyagenze igihe bamaze indwi bariko bavuga inkuru nziza mu karere kari ukwa konyene muri Ostraliya.

Kwamamaza mu karere kari ukwa konyene muri Irlande

Abagize umuryango umwe barasigura ingene ubucuti bafitaniye bwarushirije gukomera mu gihe bariko bavuga inkuru nziza mu karere kari ukwa konyene.

Kwamamaza inkuru nziza ku nkengera y’Uruzi Xingu

Umugwi w’Ivyabona vya Yehova bo muri Brezile baragize urugendo mu bwato bureha n’imetero 15 kugira baje kubwira ivyerekeye Ubwami bw’Imana abantu bo mu bigwati biri ku nkengera y’urwo ruzi.

Abakunzi b’umwidegemvyo baza kuraba ihuriro ry’amato

Ivyabona vya Yehova barakoresheje akantu gafise amapine bagenda barasunika kugira batange ku buntu ibitabu bishingiye kuri Bibiliya, babihe ingenzi zari zaje kuri uwo musi mukuru mu Bufaransa.

Igishasha i Manhattan, muri New York

Raba ibijanye n’uburyo budasanzwe bwo kubwira abantu ubutumwa buri muri Bibiliya.

Ishure rya Gileyadi rimaze imyaka 70

Ku wa 1 Ruhuhuma 1943, hari ishure ridasanzwe ryatangujwe mu buraruko bwa New York muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Ryarameyereje abamamaji b’inkuru nziza ibihumbi kwigisha abandi ivy’Imana.