Ja ku birimwo

“Nta ho ahuriye n’ayandi masinema”

“Nta ho ahuriye n’ayandi masinema”

Buri mwaka Ivyabona vya Yehova baratunganya amavidewo menshi yo kwerekana mu bikorane vyabo. Menshi muri ayo mavidewo aba yateguwe mu congereza. None abantu bitaba ibikorane mu zindi ndimi batahura gute ibivugwa muri ayo mavidewo? Ayo mavidewo arahindurwa muri izo ndimi. None abitaba ivyo bikorane bungukira gute kuri ayo mavidewo?

Ingene bungukira kuri ayo mavidewo

Raba ivyavuzwe n’abantu bamwebamwe atari Ivyabona bitavye ibikorane muri Megizike no muri Amerika yo hagati:

  • “Naratahura neza ibivugwa muri iyo videwo. Wamengo naje ndiko ndayikina. Yaranshitse ku mutima koko.”—Uwitavye igikorane mu rurimi rwitwa Popoluca, i Veracruz muri Megizike.

  • “Numva umenga ndi ku gatumba iwacu ndiko ndaganira n’umugenzi somambike. Nta ho yari ihuriye n’ayandi masinema kuko natahura ivyavugwamwo vyose.”​—Uwitavye igikorane mu rurimi rwitwa Nahuatl, i Nuevo León muri Megizike.

  • “Igihe nabona ayo mavidewo mu rurimi rwanje, numva umenga ni je bariko barabwira.”​—Uwitavye igikorane mu rurimi rwitwa Chol, i Tabasco muri Megizike.

  • “Iri shirahamwe riritwararika gufasha abantu kwiga Ijambo ry’Imana mu rurimi rwabo. Nta rindi shirahamwe rimeze nk’iri.”​—Uwitavye igikorane mu rurimi rwitwa Cakchiquel, i Sololá muri Gwatemala.

Ivyabona vya Yehova ntibangaja abahinga b’ivyuma ba karuhariwe canke abakinyi bakanongoreye, kandi kenshi bafatira amajwi mu turere tutaratera imbere kandi turi kure y’ibisagara. None bashobora gute gutunganya amavidewo ameze neza cane gutyo?

“Igikorwa kirimwo impera kuruta ibindi”

Mu 2016, ishami ry’Ivyabona vya Yehova ryo muri Amerika yo hagati ryarahagarikiye igikorwa co gufata amajwi y’amavidewo mu gisupanyoli no mu zindi ndimi 38. Ivyabona nka 2.500 baritanze muri ico gikorwa. Abahinga b’ivyuma n’abahinduzi bo muri utwo turere bafatiye amajwi y’ayo mavidewo ku biro vy’ishami, ku biro vy’ubuhinduzi biri ukwa vyonyene no mu bindi bibanza, bakoresheje stidiyo z’imfatakibanza. Ico gikorwa bagikoreye mu bibanza birenga 20 muri Belize, Gwatemala, Hondurasi, Megizike na Panama.

Bariko barafata amajwi ku biro vy’ishami vyo muri Amerika yo hagati

Vyabasavye gukora cane no gukoresha ubuhanga budasanzwe kugira bubake amastidiyo y’imfatakibanza. Barubatse ayo mastidiyo bakoresheje ibintu vyose vyashobora kuboneka muri utwo turere, harimwo uburengeti n’amamatera.

Benshi mu bafatwa amajwi bari abakene kandi vyabasaba kwitanga cane kugira bashike mu kibanza bafatiramwo amajwi co hafi y’iwabo. Hari abagize urugendo rw’amasaha 14. Hari n’umuhungu na se bagize urugendo rw’amasaha nk’umunani kugira bashike ahari stidiyo.

Naomi yakuze afasha umuryango wabo kwubaka amastidiyo y’imfatakibanza. Yigana ati: “Twama twitegana umushasharo igihe co gutangura gufata amajwi. Dawe yarakora cane mu guhagarikira ibikorwa. Hari igihe mawe yateka kugira agaburire abantu 30 baba bitanze.” Ubu Naomi yitanze gukorera ku biro vy’ubuhinduzi vyo muri Megizike. Avuga ati: “Ndahimbawe cane kuba naratanze umwanya wanje kugira mfashe abantu kwumva ubutumwa bwo muri Bibiliya mu rurimi bonse. Ni co gikorwa kirimwo impera kuruta ibindi.”

Ibikorane Ivyabona vya Yehova bagira buri mwaka birabera hirya no hino kw’isi kandi nta n’umwe yimiriwe. Ushaka ayandi makuru, raba ahavuga ngo IBIKORANE.