Ja ku birimwo

Guhabwa ikaze ku “Gitandara”

Guhabwa ikaze ku “Gitandara”

Hirya no hino kw’isi, Ivyabona vya Yehova barafise amabiro 15 asohora ibitabu. Bimwe muri ivyo biro bikorera mu Buraya bwo hagati i Selters mu Budagi, mu karere kitwa Steinfels, izina risobanura ngo “Igitandara.”

Ku magenekerezo ya 23-25 Rusama 2014, ivyo biro vyo mu Buraya bwo hagati vyarahaye ikaze ababanyi, abikorera utwabo hamwe n’abategetsi bo ngaho bipfuza kubigendera. Kubera yuko ku wa 21 Ndamukiza 1984 ariho binjira izo nyubakwa, icivugo cari “Imyaka 30 i Selters.”

Abashitsi barenga 3.000 baratembereye izo nyubakwa muri iyo misi. Umukuru w’igisagara yari amaze imyaka irenga 30 akorana n’ubutegetsi yavuze ati: “Kugendera ibiro vy’Ivyabona vya Yehova cama ari ikintu kidasanzwe. Ndacatangara nibutse ukuntu mu kanya gatoyi, kuva mu 1979 gushika mu 1984, ibi biro vyari bihejeje kwubakwa.”

Ibintu bikurubikuru vyaranze ico kiringo

Kimwe mu vyaranze ico kiringo, cataziriwe ngo “Ivyabona vya Yehova mu Buraya bwo hagati.” Abashitsi bariboneye ivyaranze imyaka 120 Ivyabona bamaze muri ako karere. Amakuru ajanye n’ako kahise n’ubu arabandanya kwerekanwa kuri ivyo biro.

Mu kindi kiringo barerekanye Bibiliya zitakiboneka cane ariko z’ingirakamaro. Nk’akarorero barerekanye Bibiliya ya mbere ikwiye y’ikidagi yasohowe mu 1534 n’igice ca Bibiliya y’indimi nyinshi yasohowe n’uwitwa Elias Hutter mu 1599, igisomwa cayo kikaba caboneka mu ndimi 12. Vyongeye barerekanye ibicapo n’amavidewo vyerekana ukuntu Bibiliya idufitiye akamaro muri iki gihe.

Mu biringo bibiri bitandukanye, abashitsi baratembereye bongera baribonera ibikorwa vya misi yose birangurwa n’abantu barenga 1.000 bahaba. Mu kiringo ca mbere cataziriwe ngo “Ubuzima bwo ngaha,” abo bashitsi baragendeye ivyumba vy’uburaro. Vyongeye barafunguye bongera baratembera hirya no hino muri ico kigo. Umushitsi umwe yavuze ati: “Aha hantu ni heza igitangaza!”

Ikiringo kigira kabiri cataziriwe ngo “Ibihakorerwa,” abo bashitsi baratemberejwe mu Rwego rujejwe gusohora ibitabu, kubitekera hamwe no kubirungika. Barabonye ingene ibitabu bishingiye kuri Bibiliya bisohorwa n’ingene bitekerwa maze bikarungikwa mu bihugu birenga 50. Umugabo umwe yikuguye ati: “Sinari nzi ko ishirahamwe ry’Ivyabona vya Yehova rikwiye kw’isi yose. Nta na hamwe kw’isi ibitabu vyabo bidashika. Gushika ku kintu nk’ico ukoresheje abantu bitanga badahembwa ni nk’igitangaro.”

Abashitsi biga gukoresha jw.org

Ikiringo kidasanzwe cari ico kwereka abashitsi ibijanye n’umuhora wemewe n’amategeko w’Ivyabona vya Yehova ari wo jw.org. Abakuze n’abato bariboneye ibiri kuri uwo muhora, bararaba amavidewo bongera bararonka inyishu ku bibazo vyinshi bari bafise.

Abashitsi benshi baranezerewe bongera barakenguruka ibikorwa bihakorerwa, kubera ko ari ho bari bagitahura igikorwa Ivyabona vya Yehova barangurira kw’isi yose. Umugabo umwe yavuze ati: “Nari mfise amakuru menshi atari yo ku Vyabona. Birabereye ko mpindura ukuntu nabiyumvira.” Umukenyezi umwe na we yavuze ati: “Kuva uno musi sinzosubira kubinuba.”

^ ing. 17 Ibitigiri vyo mu 2014

^ ing. 21 Ibitigiri vyo mu 2014

^ ing. 24 Ibitigiri vyo mu 2014