Ja ku birimwo

Kubera iki mutagira uruhara mu ntambara?

Kubera iki mutagira uruhara mu ntambara?

 Ehe imvo zituma twebwe Ivyabona vya Yehova tutagira uruhara mu ntambara:

  1.   Turagamburukira Imana. Bibiliya ivuga ko abasavyi b’Imana ‘inkota zabo bakwiye kuzicuramwo ibirimisho’ kandi ko badakwiye ‘kwongera kwiga kurwana.’—Yesaya 2:4.

  2.   Turagamburukira Yezu. Yezu yabwiye intumwa Petero ati: “Subiza inkota yawe mu kibanza cayo, kuko abafata inkota bose bazokwicwa n’inkota.” (Matayo 26:52) Gutyo Yezu yarerekanye ko abayoboke biwe batofashe ibirwanisho ngo baje mu ntambara.

     Abigishwa ba Yezu barubahiriza itegeko yabahaye ryo ‘kutaba ab’isi,’ ari na co gituma baguma ata ho bahengamiye na gato mu vya politike. (Yohani 17:16) Ntibagira imyiyerekano yo kwiyamiriza ibikorwa vya gisirikare canke ngo babuze abahitamwo kuja mu gisirikare.

  3.   Turakunda abandi bantu. Yezu yategetse abigishwa biwe ati: “Mukundane.” (Yohani 13:34, 35) Gutyo yarerekanye ko bobaye bagize umuryango mpuzamakungu, aho ata n’umwe mu bawugize yofashe ibirwanisho ngo arwanye mugenziwe.—1 Yohani 3:10-12.

  4.   Turigana akarorero k’abakirisu bo mu ntango. Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (Encyclopedia of Religion and War) kivuga giti: “Abayoboke ba Yezu bo ntango ntibaja mu ntambara no mu bikorwa vya gisirikare,” kuko babona ko ivyo “bitajanye n’itegeko Yezu yatanze ryo gukundana no gukunda abansi babo.” N’umunyatewolojiya w’Umudagi yitwa Peter Meinhold yavuze ko abo bigishwa ba Yezu bo mu ntango babona ko “umuntu atoba umukirisu ngo yongere abe n’umusirikare.”

Ivyo dufasha mu kibano

 Turafasha cane mu kibano kandi ntitubangamira na gato umutekano w’igihugu tubamwo. Turubaha abategetsi bo mu vy’intwaro, kuko Bibiliya idutegeka iti:

  •   ‘Muyobokere abakuru bari hejuru.’—Abaroma 13:1.

  •   “Nimwishure rero Sezari ivya Sezari, mugabo ivy’Imana muvyishure Imana.”—Matayo 22:21.

 Ku bw’ivyo turubaha amategeko, turatanga amakori, kandi turasenyera ku mugozi umwe na Leta mu twigoro igira two kwitaho ineza y’abanyagihugu.