Ja ku birimwo

Ni kubera iki Ivyabona vya Yehova bahinduye bimwebimwe mu vyo bemera?

Ni kubera iki Ivyabona vya Yehova bahinduye bimwebimwe mu vyo bemera?

 Twamye dushingira kuri Bibiliya gusa ivyo twizera vyose. Ku bw’ivyo twararyohoye ivyo twemera uko twarushiriza gutahura Ivyanditswe. a

 Ayo mahinduka ajanye n’ingingo ngenderwako yo muri Bibiliya iri mu Migani 4:18: “Umunyuro w’abagororotsi umeze nk’umuco wakaka ugenda urushiriza gukayangana gushika umurango utamanzuye rwose.” Nka kurya izuba riserutse rituma tugenda turushiriza kubona neza ibintu, Imana iratanga ugutahura kw’ukuri kwayo buhorobuhoro, mu gihe kigeze. (1 Petero 1:10-12) Nk’uko Bibiliya yari yarabivuze, ico kintu yaracihutishije “mu gihe c’iherezo.”—Daniyeli 12:4.

 Ukwo guhindura uburyo dutahura ibintu ntivyodutangaza canke ngo biduhagarike umutima. Abasavyi ba Yehova ba kera na bo nyene baragize ivyiyumviro bitari vyo, bongera baritega ibintu bitari vyo. Bategerezwa guhindura uko babona ibintu.

 Mu nyuma Imana yarabakosoye, kandi na twebwe dusenga dusaba ko ibandanya kudufasha muri ubwo buryo nyene.— Yakobo 1:5.

a Ntitugerageza kubinyegeza igihe twahinduye ingene dutahura ibiri muri Bibiliya. Ahubwo riho, turavyandika kandi tukabisohora mu bitabu. Nk’akarorero, raba mu CEGERANYO C’IBITABU CO KURI INTERNET ahavuga ngo “Compréhensions Affinées”.