Ja ku birimwo

ICOFASHA UMURYANGO | KURERA ABANA

Nokora iki igihe umwana wanje yumva arambiwe?

Nokora iki igihe umwana wanje yumva arambiwe?

 Umwana wawe yicaye muhira kandi nta co afise akora. Akubwiye ati: “Numva ndambiwe.” Ushobora guca wiyumvira kumubwira ngo arabe televiziyo canke akine ama jeux. Ariko imbere y’uko umubwira ivyo bintu, ng’ibi ibintu bikeyi wozirikana.

Ibintu abavyeyi bamwebamwe babonye bituma abana barambirwa

  •   Umwana arashobora kurambirwa bivuye ku mwanya amara yinezereza canke ku bintu yinezerezamwo. Sebibondo yitwa Robert avuga ati: “Ku bana benshi, gukora udukorwa twa misi yose birabarambira kuruta kuraba televiziyo canke kwikinira ama jeux. Ntibaryoherwa no gukora udukorwa twa misi yose.”

     Ivyo umukenyezi wiwe Barbara aravyemera. Avuga ati: “Gukora udukorwa twa misi yose bisaba kwiyumvira n’akigoro, kandi kenshi umuntu ntashoka abona ivyiza bivamwo. Ivyo birarambira abana bamara umwanya wabo wose bariko bararaba televiziyo canke bakina ama jeux.”

  •   Kumara umwanya munini ku mbuga hwaniro biratuma abana bikengera. Kuraba amafoto n’amavidewo vyerekana ivyo abandi bariko barakora birashobora gutuma umwana yikengera. Umwigeme yitwa Beth avuga ati: “Biroroshe kwibwira ngo ‘Abandi bariko bariryohera nanje ndi muhira.’”

     Rero, kumara umwanya ku mbuga hwaniro biratuma umuntu yumva yiyanse, akarambirwa. Uwukiri muto yitwa Chris avuga ati: “Biratuma uronka ivyo umara umwanya uriko urakora, ariko uhejeje usanga ata na kimwe ukuyeyo.”

  •   Igihe umwana wawe yumva arambiwe birashobora kuvamwo akaryo keza ko kwiga ibintu. Inabibondo yitwa Katherine avuga ko kurambirwa bishobora gutuma umwana aronka akaryo ko kwiga ibintu bishasha. Nk’akarorero, avuga ati: “Umwana arashobora gutora ikarato isanzwe agaca akina nk’aho ari mu muduga, mu bwato canke muri mwene vya vyuma bitwara abantu mu kirere. Arashobora gufata uburengeti akabusanza ku ntebe agaca avuga ko ari akazu yubatse.”

     Ntibitangaje rero kuba umuhinga mu vy’inyifato yitwa Sherry Turkle avuga ko kurambirwa “ari akaryo ko kwiga ibintu bishasha.” a Rero, kurambirwa ntivyama ari bibi. Kanatsinda, igitabu kimwe (Disconnected) kivuga giti: “Iyo umuntu akunda guterura ibintu biremereye, aca agira inguvu nyinshi. Muri ubwo buryo nyene, iyo umuntu arambiwe agaca atangura kuzirikana, biratuma yiga ibintu bishasha.”

 Iciyumviro nyamukuru: Kuba umwana wawe arambiwe ntubibone nk’ingorane, ahubwo nubibone nk’akaryo keza uronse ko kumufasha kwiga ibintu bishasha.

Ico wokora igihe abana barambiwe

  •   Nimba bishoboka, nureke abana bawe baje gukinira hanze. Umwe Barbara twavuga agira ati: “Biratangaje kubona ingene izuba n’akayaga bituma umuntu adasubira kurambirwa. Iyo abana bacu bagiye gukinira hanze, ivyiyumviro vyabo birahinduka.”

     Ico Bibiliya ivuga: ‘Ikintu cose kirafise igihe cashingiwe: Igihe co gutwenga n’igihe co kwikina amatavu.’​—Umusiguzi 3:1, 4.

     Zirikana kuri iki kintu: Ni kangahe noreka abana banje ngo baje gukinira hanze? Nimba ntoshima ko abana banje baja gukinira hanze, ni ibiki bashobora gukorera mu rupangu?

  •   Nufashe abana bawe kwiyumvira abandi. Umuvyeyi yitwa Lillian atanga iki ciyumviro: “Nufashe uwitereye mu myaka gukata igazo canke kwegeranya amababi canke umutegurire udufungurwa uce utumushira. Gufasha abandi biratuma umuntu ahimbarwa cane.”

     Ico Bibiliya ivuga: “Uwutanga cane azodoheshwa, kandi uwuvomēra abandi ku bwinshi na we ubwiwe azovomērwa ku bwinshi.”​—Imigani 11:25.

     Zirikana kuri iki kintu: Wofasha gute abana bawe kuronkera umunezero mu gufasha abandi?

  •   Nubabere akarorero. Ukuntu uvuga ibikorwa vyawe vya buri musi birashobora kugira ico bikoze ku bana bawe. Umuvyeyi yitwa Sarah avuga ati: “Iyo tutavuga neza ibikorwa dukora, tuba turiko turigisha abana bacu kurambirwa. Ariko iyo tubivuga neza, tuba turiko turabafasha kubigenza ukwo nyene.”

     Ico Bibiliya ivuga: “Uwunezerewe ku mutima yama ku nzimano.”​—Imigani 15:15.

     Zirikana kuri iki kintu: Abana banje bumva mvuga gute ibijanye n’ibikorwa nkora? Iyo ndambiwe, babona ndavyifatamwo gute?

 Impanuro: Nufashe abana bawe kugira urutonde rw’udukorwa bokora. Umuvyeyi yitwa Allison avuga ati: “Turafise agasandugu k’ivyiyumviro umwe wese mu muryango ashobora gushiramwo iciyumviro ciwe.”

a Vyakuwe mu gitabu Reclaiming Conversation.