Ja ku birimwo

Harshith J.V./500px Prime via Getty Images

VYOBA VYARIYADUKIJE?

Ukuntu ibikere bihamagarana

Ukuntu ibikere bihamagarana

 Ibikere vy’ibigabo bizwi ku kuntu biguma bihamagarana nk’aho umenga bikora ibintu bitari ku rutonde. Naho biri ukwo, urashobora kumenya buri gikere c’ikigabo kiriko kirahamagara naho coba kiri mu mugwi w’ibindi bikere biriko birahamagarana. Mu Buyapani, abahinga bagize ubushakashatsi ku bwoko bw’ibikere vyitwa rainettes basanze ivyo bishoboka kubera ko ibigabo biri mu kibanza kimwe bihamagara ibigore mu buryo buri ku rutonde.

 Rimbura iki kintu: Ibikere vy’ibigabo birasohora amajwi kugira bikwegere ibigore. Ijwi riva mu tugozi tw’ijwi tw’igikoko riraba rinini igihe rivugiye mu gasaho k’ijwi, kakaba ari agasaho kari mu muhogo kaguka. Ibikere bifise amajwi atandukanye, bivanye n’ubwoko bwavyo. Nk’akarorero, hari ibifise ijwi rimeze nk’iry’ifirimbi, ibijwira, ibifise ijwi ridakaze rigomba kumera nk’iry’igihuna, irimeze nk’ijwi ry’imbata canke ibisohora ijwi ry’uguhirira.

 Ni gute none amajwi y’ikigabo kimwe atandukanye n’ay’ibindi bigabo, vyaba biri canke bitari mu bwoko bumwe? Abahinga basanze ko aho gumagara ku buryo butari ku rutonde, ibikere vyegeranye bihamagara ku buryo buri ku rutonde, kimwe kimwe cose kigahanahana n’ikindi, kikavuga ku mwanya waco. Ubwo buhinga bufasha ivyo bikere kutavugira rimwe, gutyo bikamera nk’aho biriko biraririmba bishira hamwe amajwi mu gihe nyene biba biriko biraziganya inguvu. Vyongeye, ukwo kuntu bihamagara ku rutonde bituma ivyo bikere bishobora kuruhuka mu gihe biriko biraririmba.

 Niwumvirize ukuntu igikere c’ikigabo citwa coqui gihamagara ikigore

 Abahinga mu vyo gutumatumanako amakuru, bisunze ubwo buryo ibikere bihamagarana mu rutonde, bariko barakoresha ibiharuro bihanitse kugira bateze imbere ubuhinga bwo kurungika amakuru, ku buryo amakuru atandukanye atarungikwa ku mwanya umwe. Ivyo bituma harungikwa amakuru yo kwizigirwa kandi bigatwara inguvu nke mu kubikora.

 Uvyibaza ko iki? Ubwo bushobozi ibikere bifise bwo guhamagarana mu rutonde bikamera nk’aho biriko biraririmba bishira hamwe amajwi, vyoba vyariyadukije? Canke hariho uwabishizeho?