Ja ku birimwo

VYOBA VYARIYADUKIJE?

Amaboko atangaje y’agakoko bita pieuvre

Amaboko atangaje y’agakoko bita pieuvre

 Abahingura amarobo bariko baragerageza guhingura ibikoresho vyofasha abaganga kubaga ahantu haga batarinze gusatura umubiri cane. Ubuhinga bagezeko bufatiye ku kuboko kworoshe cane kw’agakoko bita pieuvre.

 Rimbura iki kintu: Ako gakoko gakoresheje amaboko yako umunani yoroshe cane kandi ashobora kurehuka, karashobora gufata ikintu no kukigumya, naho coba kiri ahantu haga. Karashobora kandi kugondera ukuboko kwako mu ruhande urwo ari rwo rwose no kudadaza uduce tumwetumwe tw’ukwo kuboko iyo bikenewe.

 Abahinga biyumvira ko ukuboko kw’ikirobo kworoshe gutyo kwofasha cane mu kubaga ahantu haga. Ubwo buhinga bwofasha mu kubaga abarwayi bari gushobora kubagwa mu buryo bugoye cane.

 Irabire ukuntu amaboko y’ako gakoko yoroshe

 Abahinga baramaze gukora ukwo kuboko kandi baramaze gutangura kugukoresha ariko atari mu kubaga abantu. Ukwo kuboko kureha na milimetero 135. Igice kimwe cakwo kirashobora guterura ibihimba vyo mu nda kikabigumya kitarinze kuvyonona, mu gihe ikindi gice kiba kiriko kirabaga. Muganga Tommaso Ranzani, umwe mu bakoze ukwo kuboko, avuga ati: “Twizigiye ko iyi ari intango izodufasha gukora ayandi marobo ahanitse gusumba kandi ashobora gukora ibintu vyinshi.”

Ukuboko kw’ikirobo kworoshe kwofasha cane mu kubaga

 Uvyibazako iki? Ukuboko kw’ako gakoko kwoba kwariyadukije, canke hariho uwagushizeho?