Ja ku birimwo

INSOBANURO Y’IMIRONGO YO MURI BIBILIYA

Zaburi 37:4: «Nezerwa n’Umukama»

Zaburi 37:4: «Nezerwa n’Umukama»

 «Nuhimbarwe cane na Yehova, na we azoguha ivyo umutima wawe wipfuza.»​—Zaburi 37:4, Bibiliya y’isi nshasha.

 «Nezerwa n’Umukama, na we azoguha ico umutima wawe wipfuza.»​—Zaburi 37:4, Bibiliya Nyeranda.

Ico muri Zaburi 37:4 hasobanura

 Umwanditsi wa zaburi ahimiriza abasavyi b’Imana guhimbarwa kubera bafitaniye ubucuti bwiza na yo. Abantu bose bafitaniye ubucuti bwiza na Yehova a Imana barashobora kwemera badakeka ko azobaronsa ivyo umutima wabo wipfuza.

 «Nuhimbarwe cane na Yehova.» Iyo mvugo irashobora guhindurwa kandi ngo «nusoserwe cane na Yehova», «nuhimbarwe no gukorera Umukama», canke ngo «nuhimbarirwe ivyo Umukama yagusezeraniye.» Ico dushaka kuvuga ni uko dukwiye guhimbarwa cane no gusenga Imana y’ukuri. (Zaburi 37:4) Kubera iki none ivyo ari ukwo biri?

 Abantu basenga Yehova babona ibintu nk’uko abibona, bakurikije uko Bibiliya ibivuga. Ntibazi gusa Imana ariko kandi barazi ko kuyigamburukira biranga ubukerebutsi. Ivyo bituma baguma bafise ijwi ryiza ryo mu mutima kandi bakirinda ingorane nyinshi zishika mu buzima. (Imigani 3:5, 6) Nk’akarorero, ntibatwarwa n’agashavu canke ngo bagirire ishari abantu b’abanyamwina canke abantu batavugisha ukuri basa n’uko bariko bararoranirwa mu buzima. (Zaburi 37:1, 7-9) Abasavyi b’Imana barahimbarwa kubera bazi yuko vuba Imana igihe gukuraho akarenganyo kose maze ironse impera abantu b’abizigirwa bigenjeje neza. (Zaburi 37:34) Barahimbarwa cane kandi no kumenya yuko Umuvyeyi wabo wo mw’ijuru abashima.​—Zaburi 5:12; Imigani 27:11.

 «Azoguha ivyo umutima wawe wipfuza.» Ayo majambo ashobora kandi guhindurwa ngo «azokwishura amasengesho yawe» canke ngo «azoguha ico umutima wawe wipfuza gusumba ibindi vyose.» Ego ni ko, Yehova ntazoduha ico ari co cose tumusavye. Nka kurya kw’umuvyeyi mwiza, Yehova arazi ibintu vyiza gusumba ibindi vyose abana biwe bakeneye. Vyongeye, uburyo tubayeho hamwe n’ivyo dusaba bitegerezwa kuba bihuye n’ivyo agomba be n’ingingo ngenderwako ziwe. (Imigani 28:9; Yakobo 4:3; 1 Yohani 5:14) Igihe tubayeho muri ubwo buryo, turashobora gusenga umwe «[y]umva amasengesho» twizigiye yuko atwumva.​—Zaburi 65:2; Matayo 21:22.

Amakikuro ya Zaburi 37:4

 Zaburi ya 37 yanditswe na Dawidi, umwami wa Isirayeli ya kera. Yanditse iyo zaburi yisunze ukuntu indome zikurikirana. b

 Dawidi yararenganijwe kenshi. Umwami Sawuli be n’abandi baramuhize bashaka kumwica. (2 Samweli 22:1) Yamara Dawidi yaguma yizigira Imana yiwe aherejeko. Dawidi yari azi neza yuko Yehova atobuze guhana ababisha. (Zaburi 37:10, 11) Naho basa n’abaroraniwe, nk’«ivyatsi bitotahaye», amaherezo bazorandurwa.​—Zaburi 37:2, 20, 35, 36.

 Zaburi ya 37 irerekana ibizoshikira ababaho bisunga ingingo ngenderwako z’Imana n’abatazisunga. (Zaburi 37:16, 17, 21, 22, 27, 28) Iyo zaburi rero iradufasha kuronka ubukerebutsi no kuba abantu bashimwa n’Imana.

 Raba iyi videwo ngufi yerekana incamake y’igitabu ca Zaburi.

a Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana mu rurimi rw’igiheburayo. Kugira tumenye igituma Bibiliya nyinshi zikoresha izina Umukama aho gukoresha izina ry’uruharo ry’Imana, raba ikiganiro kivuga ngo «Yehova ni nde?»

b Ukuntu iyo zaburi yanditse, akarongo canke uturongo twa mbere dutanguzwa n’urudome rutangura rw’igiheburayo, utundi dukurikira tugatanguzwa n’urudome rugira kabiri, hama utundi tugakurikirana gutyogutyo. Ubwo buryo bwo kwandika bwarafasha abantu kuvyibuka.