Ja ku birimwo

INSOBANURO Y’IMIRONGO YO MURI BIBILIYA

Imigani 17:17: «Umugenzi akundana igihe cose»

Imigani 17:17: «Umugenzi akundana igihe cose»

«Umugenzi nyakuri akundana igihe cose, kandi ni uwo muvukana yavukiye kuhaseruka mu gihe c’ivyago.»​—Imigani 17:17, Bibiliya y’isi nshasha.

«Umugenzi akundana igihe cose kandi yavutse ngo abe umuvukanyi mu marushwa.»​—Imigani 17:17, Bibiliya Nyeranda.

Ico mu Migani 17:17 hasobanura

 Abagenzi b’ukuri urabizigira. Ntibaguhemukira kandi barakwitwararika nk’abo muvukana, canecane iyo uri mu bihe bitoroshe.

 «Umugenzi nyakuri akundana igihe cose.» Iri ryungane rishobora kandi gusobanura ko «abagenzi bama bakundana.» Ijambo ry’igiheburayo “gukundana” ryakoreshejwe muri iri ryungane ririmwo n’ibindi uretse kwiyumvamwo umuntu. Ni urukundo rutarimwo ubwikunzi ugaragariza uwundi mu bikorwa. (1 Abakorinto 13:4-7) Iyo abagenzi bafitaniye urukundo nk’urwo, ntibahebana iyo hari ibigomvye kubatandukanya, kumbure nko gutahurana nabi canke bivuye ku ngorane zishobora kwaduka. Barababarirana ata gahigigi. (Imigani 10:12) Kandi umugenzi ntagira ishari iyo uwundi bimugendeye neza. Ahubwo, anezeranwa na we.​—Abaroma 12:15.

 “Umugenzi nyakuri . . . ni uwo muvukana yavukiye kuhaseruka mu gihe c’ivyago.” Uwo mugani urimwo iciyumviro c’uko abavukana bashobora gukundana bidasanzwe. Rero igihe dukoze ivyo dushoboye vyose kugira dufashe umugenzi ariko araca mu bihe bigoye, tuba turiko tumubera nk’uwo bavukana. Vyongeye, urukundo ruhuza abagenzi nk’abo ntirugabanuka ngo ni uko hari ivyotuma bacanamwo. Ahubwo riho iyo habonetse ingorane, urukundo bafitaniye rurongerekana, bakarushiriza no kwubahana.

Amakikuro yo mu Migani 17:17

 Igitabu c’Imigani kirimwo ivyiyumviro n’impanuro vyinshi vy’ubwenge vyanditswe mu buryo budomako, bituma umusomyi azirikana. Umwami Salomo ni we yanditse vyinshi mu biri muri ico gitabu. Yavyanditse mu buryo ivyese vy’igiheburayo vyandikwa, kuko atanditse akoresheje amajwi ahamagarana, ahubwo yakoresheje ivyiyumviro bifitaniye isano hamwe n’ivyiyumviro bihushanye, aho umurongo umwe ushobora kwunganira uwundi canke ukaba uhushanye na wo. Imigani 17:17 ni akarorero k’icese kirimwo imvugo yerekana ingene ivyiyumviro bifitaniye isano, kuko iciyumviro ca kabiri c’uwo murongo cunganira iciyumviro ca mbere. Imigani 18:24 ni akarorero k’icese kirimwo ivyiyumviro bihushanye. Havuga hati: «Hariho abagenzi baguma barondera kumarana, ariko hariho umugenzi akwumirako kuruta uwo muvukana.»

 Igihe Salomo yandika Imigani 17:17, ashobora kuba yariko ariyumvira ubugenzi somambike se wiwe Dawidi yari afitaniye na Yonatani umuhungu w’umwami Sawuli. (1 Samweli 13:16; 18:1; 19:1-3; 20:30-34, 41, 42; 23:16-18) Naho Dawidi na Yonatani batavukana, bari bafitaniye ubugenzi busumba ubw’abavukana. Yonatani mbere yarahatswe kuhasiga ubuzima kubera uwo mugenzi wiwe yari akiri muto a.

Ukuntu iyindi Bibiliya ihindura mu Migani 17:17

 «Umukunzi akundana ibihe vyose, kandi yavukiye kukubera nk’uwo muvukana mu magorwa.»​—Bibiliya Yera.

 Nurabe aka kavidewo kugira ubone incamake y’ibivugwa mu gitabu c’Imigani.

a Nurabe ikiganiro kivuga ngo “Ils se lièrent d’une profonde amitié.” (mu gifaransa)