Ja ku birimwo

INSOBANURO Y’IMIRONGO YO MURI BIBILIYA

Abagalatiya 6:9: «Ntiturambirwe n’ugukora ivyiza»

Abagalatiya 6:9: «Ntiturambirwe n’ugukora ivyiza»

 «Ntiduhebe rero gukora ivyiza, kuko igihe nicagera tuzokwimbura nitutarambirwa.»​—Abagalatiya 6:9, Bibiliya y’isi nshasha.

 «Ntiturambirwe n’ugukora ivyiza. Igihe kigeze, tuzokwimbura nitutatezura.»​—Abagalatiya 6:9, Bibiliya Nyeranda.

Ico mu Bagalatiya 6:9 hasobanura

 Intumwa Pawulo aremesha abakirisu kubandanya gukora ibintu Imana ibona ko ari vyiza. Babigenjeje ukwo, barashobora guhera amazinda ko Imana izobaha impembo.

 «Ntiduhebe.» Iri jambo rirashobora guhindurwa ngo «ntiturambirwe.» Ijambo ryo mu rurimi rw’intango ryahinduwe ngo «ntiduhebe» rirashobora kandi gusigura kudacika intege canke kudatakaza umwete. Kuba intumwa Pawulo na we yarishizemwo, birerekana ko na we nyene vyashika akumva acitse intege.​—Abaroma 7:21-24.

 «Ivyiza.» Ivyo vyiza bigizwe n’ibintu vyose umukirisu abwirizwa gukora mu gikorwa arangurira Imana. Aho harimwo ivyo akora kugira afashe abo basangiye ukwizera n’abandi.​—Abagalatiya 6:10.

 «Igihe nicagera tuzokwimbura nitutarambirwa.» Pawulo aributsa abo yandikiye yuko bishobora gufata umwanya kugira babone ivyiza biva ku vyo bakoze, nk’uko nyene bisaba umwanya kugira ibiterwa umurimyi yateye bikure. Mu kuvuga ibijanye no kwimbura, Pawulo yariko arahuza uwo murongo n’ukuri guhambaye dusanga ku murongo wa 7, na wo ukaba ugira uti: «Ico umuntu abiba cose [ni] co nyene azokwimbura.» Mu yandi majambo, iyo umukirisu akoze ivyo Imana ibona ko ari vyiza, azokwironkera impera nini, harimwo n’ubuzima budahera.​—Abaroma 2:6, 7; Abagalatiya 6:8.

Amakikuro yo mu Bagalatiya 6:9

 Intumwa Pawulo yandikiye iryo kete abakirisu baba i Galatiya, nko hagati y’umwaka wa 50 na 52 inyuma ya Kristu. Yaryanditse kugira abakingire akosho k’abantu biyita abakirisu mugabo bakaba bariko baragoreka ukuri kwerekeye Yezu. (Abagalatiya 1:6, 7) Abo bigisha b’ikinyoma bavuga yuko abakirisu bakwiye kugamburuka amategeko Imana yahaye ihanga rya Israyeli ya kera biciye kuri Musa. (Abagalatiya 2:15, 16) Pawulo yarasiguye ko ayo mategeko yari yarashikije intumbero yayo be n’uko abasavyi b’Imana batari bakigengwa na yo.​—Abaroma 10:4; Abagalatiya 3:23-25.

 Igihe Pawulo yaremesha abakirisu bagenziwe kuguma «[ba]kora ivyiza», ntiyariko abahimiriza kugamburuka amategeko ya Musa. Ahubwo yariko arabaremesha «[gu]shitsa rya tegeko rya Kristu», rikaba ririmwo n’ibintu vyose Yezu yigishije ku bijanye no gukorera iciza abandi.​—Abagalatiya 6:2; Matayo 7:12; Yohani 13:34.

 Nurabe aka kavidewo kugira ubone incamake y’ibivugwa mu gitabu c’Abagalatiya.