Ja ku birimwo

Abakirisu boba bashobora gukoresha uburyo bwo kwirinda kuvyara?

Abakirisu boba bashobora gukoresha uburyo bwo kwirinda kuvyara?

Inyishu Bibiliya itanga

 Yezu ntiyategetse abayoboke biwe kuvyara canke kutavyara. Eka mbere nta n’umwe mu bigishwa biwe yigeze atanga itegeko nk’iryo. Nta na hamwe Bibiliya ivuga itomora ko kwirinda kuvyara ari bibi. Mu bijanye n’ico kibazo, umuntu yoshobora kwisunga ingingo ngenderwako iri mu Baroma 14:12 ahagira hati: “Umwe wese muri twebwe azokwibarizwa n’Imana ivyiwe.”

 Abubakanye ni bo rero bihitiramwo kuvyara canke kutavyara. Boshobora kandi kwifatira ingingo y’igitigiri c’abana bovyara n’igihe bobavyarira. Nimba umugabo n’umugore bahisemwo gukoresha uburyo bwo kwirinda kuvyara budakorora inda, iyo ni ingingo ibega. Nta wukwiye kubacira urubanza.—Abaroma 14:4, 10-13.