Ja ku birimwo

Imana yoba ihindura ingingo iba yafashe?

Imana yoba ihindura ingingo iba yafashe?

Inyishu Bibiliya itanga

 Egome, irazihindura igihe abantu bahinduye ingendo. Nk’akarorero, igihe Imana yarungikira Abisirayeli ubutumwa bwerekeye urubanza yari yimirije kubacira, yavuze iti: “Hari aho bokwumviriza maze bagahindukira, umwe wese akava mu nzira yiwe mbi, nanje sinzobura kwicuza [canke, “guhindura ingingo”] ku bijanye n’ivyago niyumvira kubashitsako kubera ububi bw’ibikorwa vyabo.”—Yeremiya 26:3.

 Bibiliya nyinshi zihindura uwo murongo mu kuvuga ko Imana “yigaya” kubera icago yari yavuze ko izoteza, ivyo bikaba vyoca vyumvikanisha ko Imana yari yihenze. Ariko, ijambo ry’igiheburayo ryakoreshejwe kuri iyo mvugo rirashobora gusobanura “guhindura ingingo canke umugambi.” Umuhinga umwe yavuze ati: “Umuntu ahinduye ingendo, Imana na yo ica ihindura ingingo iba yafashe.”

 Ariko ntiwumve, kuba Imana ishobora guhindura ingingo yari yafashe ntibisigura ko yama izihindura. Raba ibintu bimwebimwe vyabaye aho Bibiliya ivuga ko Imana itahinduye ingingo yari yafashe:

  •   Imana ntiyemeye ko Balaki atuma ihindura ingingo yari yafashe yo kutavuma ihanga rya Isirayeli.​—Guharūra 23:18-20.

  •   Kubera ko Umwami Sauli wa Isirayeli yagumye akora ibibi, Imana yagumye ku ngingo yari yafashe yuko Sauli atazobandanya kuba umwami.​—1 Samweli 15:28, 29.

  •   Imana izoshitsa umuhango yatanze w’uko Umwana wayo azoba umuherezi ibihe bidahera. Imana ntizohindura uwo muhango.​—Zaburi 110:4.

None Bibiliya ntivuga ko Imana itigera ihinduka?

 Egome, Bibiliya yerekana ko Imana ivuga iti: “Ndi Yehova; sinahindutse.” (Malaki 3:6) N’ikindi kandi, Bibiliya ivuga ko ku Mana “[hata]ba uguhinduka kw’izunguruka ry’igitutu.” (Yakobo 1:17) Ariko ntiwumve, ivyo ntibivuguruza ivyo Bibiliya ivuga yuko Imana ishobora guhindura ingingo iba yafashe. Imana ntiyigera ihinduka mu buryo bw’uko kamere zayo be n’ingingo ngenderwako zayo ziranga urukundo n’ubutungane zitigera zihinduka. (Gusubira mu vyagezwe 32:4; 1 Yohani 4:8) Yamara, iraha abantu ubuyobozi butandukanye mu bihe bitari bimwe. Nk’akarorero, Imana yarahaye Umwami Dawidi ubuyobozi igihe yagira aje mu ntambara. Ubuyobozi yamuhaye ku ntambara ya mbere ntibwasa n’ubwo yamuhaye ku ntambara ya kabiri. Ariko Dawidi yaratsinze muri izo ntambara zompi.​—2 Samweli 5:18-25.

Imana yoba yicuza kuba yararemye abantu?

 Oya. Ariko iricuza kuba abantu nka bose barayiteye akagere. Bibiliya mu kudondora ukuntu ibintu vyari vyifashe imbere ya wa Mwuzure wo mu gihe ca Nowa, ivuga iti: “Yehova aricuza kuba yararemye abantu mw’isi, biramubabaza mu mutima.” (Itanguriro 6:6) Muri ico canditswe, ijambo “aricuza” rivuye mw’ijambo ry’igiheburayo rishobora gusobanura “guhindura ingingo yari yafashwe.” Imana yarahinduye ukuntu yabona abantu nka bose bariho imbere y’Umwuzure kubera ko bari barabaye inkozi z’ikibi. (Itanguriro 6:5, 11) Naho Imana yababajwe n’uko abantu bahisemwo gukurikira ingendo mbi, ntiyahinduye ukuntu yabona umuryango wose w’abantu. Kanatsinda, yaratumye umuryango w’abantu udahonywa n’Umwuzure mu kuzigama Nowa n’umuryango wiwe.​—Itanguriro 8:21; 2 Petero 2:5, 9.