Ja ku birimwo

Ca gitambara c’i Turin coba ari co Yezu yahambwemwo?

Ca gitambara c’i Turin coba ari co Yezu yahambwemwo?

Inyishu Bibiliya itanga

 Igitambara c’i Turin (Suaire de Turin) ntikivugwa muri Bibiliya. Ni igitambara c’ilino abantu benshi biyumvira ko ari co Yezu Kristu yahambwemwo. Ku bw’ivyo, abantu bamwebamwe babona ko ico gitambara ari kimwe mu bintu vya kera amadini ya gikirisu afata ko ari vyeranda cane. Ico gitambara ubu kibitswe muri katedrale y’i Turin mu Butaliyano, mw’isandugu ikozwe mu buhinga bwa none igenewe kugikingira ngo nticononekare.

 Inkuru zo muri Bibiliya zoba zishigikira iciyumviro c’uko ico gitambara c’i Turin ari co Yezu yahambwemwo? Oya.

 Ehe ibintu bitatu biranga ico gitambara bidahuye n’ivyo Bibiliya ivuga.

  1.   Ico gitambara kigizwe n’impuzu imwe ipima santimetero 442 kuri santimetero 113, kikaba kiriko n’akandi gatambara ka santimetero 8 gashoneye ku burebure bwaco.

     Ico Bibiliya ivuga: Ikiziga ca Yezu nticazingiriwe mu gitambara kimwe c’ilino, ahubwo cazingiriwe mu bitambara vyinshi. Umutwe wiwe wazingiriwe mu gitambara kiri ukwaco. Aho Yezu amariye kuzuka, umwe mu ntumwa ziwe yaraje ku mva yiwe “abona nya bitambara biri hasi.” Bibiliya yongerako iki: “Impuzu yari ku mutwe wiwe [ntiyari] kumwe na vya bitambara mugabo [yari] izingiye ukwayo ahantu hamwe.”​—Yohani 20:6, 7.

  2.   Ico gitambara kiriko ibirabagu vy’amaraso bivugwa ko yavuye ku kiziga kitari cogejwe.

     Ico Bibiliya ivuga: Igihe Yezu yapfa, abigishwa biwe barateguye ikiziga ciwe “nk’uko Abayuda [bari] basanganywe umugenzo wo gutegura amaziko.” (Yohani 19:39-42) Uwo mugenzo warimwo kwoza ikiziga no kugisiga amavuta n’ibintu bimota imbere yo kugihamba. (Matayo 26:12; Ivyakozwe 9:37) Birumvikana rero ko abigishwa ba Yezu bategerezwa kuba barogeje ikiziga ciwe imbere yo kukizingira mu bitambara.

  3.   Ico gitambara kiriko ishusho y’umugabo “aryamye ku gice kimwe caco, ikindi gice na co kikaba gikunjiwe ku mutwe kugira gipfuke imbere.”​—Encyclopædia Britannica.

     Ico Bibiliya ivuga: Abigishwa ba Yezu baravuze ibijanye n’urupfu rwiwe, ingene basanze imva yiwe igaragara, baravuga n’intahe yashinzwe n’abagore “bari babonekewe n’abamarayika, abavuze yuko ari muzima.” (Luka 24:15-24) Iyaba ico gitambara cari mu mva yiwe, nta gukeka ko abigishwa biwe bari kuba baravuze ibijanye na co hamwe n’ishusho yari kuri co. Ariko Bibiliya nta na hamwe yerekana ko bavuze ivyo bintu.

Ico gitambara coba gikwiye guhabwa icubahiro kidasanzwe?

 Oya. Naho cari kuba ari co Yezu yahambwemwo, kugiha icubahiro kidasanzwe vyobaye ari bibi. Raba ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zerekana igituma:

  1.   Nta co bimaze. Yezu yavuze ati: “Imana ni Impwemu, kandi abayisenga bategerezwa kuyisenga mu mpwemu no mu kuri.” (Yohani 4:24) Abasenga Imana mu kuri ntibakoresha ibishushanyo canke ibisigarira vy’aberanda.

  2.   Imana irabibuza. Ya Mabwirizwa Cumi yarabuza gusenga ibigirwamana. (Gusubira mu vyagezwe 5:6-10) No muri iki gihe Bibiliya itegeka abakirisu iti: “Mwirinde ibigirwamana.” (1 Yohani 5:21) Hari abovuga ko ico gitambara atari ikigirwamana, ahubwo ko ari ikimenyetso gusa kijanye n’ukwemera kwabo. Ariko rero, iyo ikimenyetso gihawe icubahiro kidasanzwe gica gicika ikigirwamana. a Ku bw’ivyo, umuntu yipfuza guhimbara Imana ntaha ikintu na kimwe icubahiro kidasanzwe, n’ico gitambara c’i Turin kidasigaye inyuma.

a Ikigirwamana ni igishusho, igicapo canke ikimenyetso umuntu aha icubahiro kidasanzwe.