Ja ku birimwo

Babiloni Akomeye ni iki?

Babiloni Akomeye ni iki?

Inyishu Bibiliya itanga

 Babiloni Akomeye avugwa mu gitabu c’Ivyahishuwe ni amadini yose y’ikinyoma yo mw’isi Imana idashima. a (Ivyahishuwe 14:8; 17:5; 18:21) Naho hari ibintu vyinshi ayo madini atandukaniyeko, yose aratuma abantu badasenga Imana y’ukuri Yehova mu buryo bumwe canke ubundi.​—Gusubira mu vyagezwe 4:​35.

Ivyogufasha kumenya Babiloni Akomeye

  1.   Babiloni Akomeye ni ikigereranyo. Bibiliya ivuga ko ari “umugore” akaba n’“umumaraya akomeye,” afise izina “ry’akayobera, ngo: ‘Babiloni Akomeye.’” (Ivyahishuwe 17:​1, 3, 5) Kubera ko igitabu c’Ivyahishuwe gishikirizwa “mu bimenyetso,” birumvikana tuvuze yuko Babiloni Akomeye ari ikigereranyo aho kuba umugore nya mugore. (Ivyahishuwe 1:1) Vyongeye, “yicaye ku mazi menshi,” ano akaba agereranya “ibisata vy’abantu n’amasinzi n’amahanga n’indimi.” (Ivyahishuwe 17:​1, 15) Umugore nya mugore ntiyoshobora kugira ikintu nk’ico.

  2.   Babiloni Akomeye agereranya urwego mpuzamakungu. Avugwa ko ari “igisagara gikomeye gifise ubwami ku bami b’isi.” (Ivyahishuwe 17:18) Ku bw’ivyo, akwiye kw’isi yose kandi akayigirako akosho.

  3.   Babiloni Akomeye ni urwego rw’ivy’idini aho kuba urw’ivya politike canke ivy’ubudandaji. Babiloni ya kera cari igisagara gikorerwamwo cane ibintu bijanye n’idini, kikaba cari kizwi kubera cakoresha “imitongero” be n’“ubupfumu.” (Yesaya 47:​1, 12, 13; Yeremiya 50:​1, 2, 38) Kukaba nkako, idini ry’ikinyoma ryarwanya Imana y’ukuri Yehova ni ryo abantu baho basengamwo. (Itanguriro 10:​8, 9; 11:​2-4, 8) N’ubwibone n’akantu, abategetsi ba Babiloni barishize hejuru ya Yehova bongera barasuzugura ibijanye no kumusenga. (Yesaya 14:​4, 13, 14; Daniyeli 5:​2-4, 23) Babiloni Akomeye na we nyene arazwi kubera “ubupfumu” bwiwe. Ivyo birerekana ko ari ishirahamwe ry’ivy’idini.​—Ivyahishuwe 18:23.

     Babiloni Akomeye si urwego rw’ivya politike kubera ko “abami b’isi” bagandarira ugutikizwa kwiwe. (Ivyahishuwe 17:​1, 2; 18:9) Eka kandi si urwego rw’ivy’ubudandaji kubera ko Bibiliya imutandukanya n’“abadandaza b’ingenzi bo kw’isi.”​—Ivyahishuwe 18:11, 15.

  4. Ikibuye gikorogoshoweko Nabonide umwami wa Babiloni hamwe n’ibimenyetso vy’ubutatu bugizwe n’imana Sin, Ishtar na Shamash

      Babiloni Akomeye arahuje neza n’ibiranga idini ry’ikinyoma. Aho kwigisha abantu ukuntu borushiriza kwiyegereza Imana y’ukuri Yehova, idini ry’ikinyoma rituma nyabuna basenga izindi mana. Ivyo Bibiliya ivyita ‘gushurashura.’ (Abalewi 20:6; Kuvayo 34:15, 16) Inyigisho y’Ubutatu, iy’uko umuntu afise muri we igihimba kidapfa be n’ivyo gukoresha ibishusho mu gusenga vyatanguriye muri Babiloni ya kera kandi birabandanya kwiganzira idini ry’ikinyoma. Vyongeye, amadini y’ikinyoma arafatanya ugusenga kwayo n’ugukunda isi. Bibiliya ivuga ko ubwo bwoko bw’ubuhemu ari ukurenga ibigo.​—Yakobo 4:4.

     Ubutunzi bw’idini ry’ikinyoma be n’ingene ribuhaya birahuye neza n’ukuntu Bibiliya idondora Babiloni Akomeye. Ivuga ko “yambaye ibisa n’umuyugubwe n’ibisa n’agahama” kandi “asharijwe inzahabu n’amabuye y’agaciro be n’imaragarita.” (Ivyahishuwe 17:4) Babiloni Akomeye ni we “ibintu bisesemye vyo mw’isi” bikomokako, ni ukuvuga inyigisho be n’ibikorwa bidatera iteka Imana. (Ivyahishuriwe 17:5) Abanywanyi b’idini ry’ikinyoma ni “ibisata vy’abantu n’amasinzi n’amahanga n’indimi” bishigikiye Babiloni Akomeye.​—Ivyahishuwe 17:15.

 Babiloni Akomeye ni we yagirizwa urupfu rw’“abishwe kw’isi bose.” (Ivyahishuwe 18:24) Kuva kera na rindi, uretse ko idini ry’ikinyoma ryatumye haba intambara rigashigikira n’ibikorwa vya ba gaterabwoba, ryarananiwe kandi kwigisha abantu ukuri kwerekeye Yehova ya Mana y’urukundo. (1 Yohani 4:8) Ivyo vyatumye haseseka amaraso menshi. Ni co gituma abipfuza guhimbara Imana bategerezwa ‘kuva iwe,’ ni ukuvuga kwitandukanya n’idini ry’ikinyoma.​—Ivyahishuwe 18:4; 2 Abakorinto 6:​14-​17.

a Raba ikiganiro kivuga ngo “Nomenya gute idini ry’ukuri?”