Ja ku birimwo

Umuvukanyi Maksim Zinchenko n’umugore wiwe Karina

KU WA 23 NZERO 2024
AMAKURU YO KW’ISI YOSE

«Vyose birashoboka ku wizera»

«Vyose birashoboka ku wizera»

Sentare yo mu ntara ya Nakhimovskiy mu gisagara ca Sevastopol izotangaza vuba urubanza yaciriye umuvukanyi Maksim Zinchenko. Umushingwamanza araciyumvira ingingo izofatirwa umuvukanyi Maksim Zinchenko.

Amakuru amwerekeye

Turizigiye ko Yehova azoha impembo Maksim kubera ko yerekanye umutima rugabo n’ukwihangana kandi azoyiha n’abo bose babandanya gukora ivyo agomba.​—Abaheburayo 10:35, 36.

Ivyabaye n’igihe vyabereyeko

  1. Ku wa 17 Rusama 2023

    Yagirijwe kugira uruhara mu bikorwa vy’umugwi w’intagondwa

  2. Ku wa 22 Rusama 2023

    Inzu yiwe yarasatswe. Maksim na Karina barasambishwa, Maksim aca arapfungwa vy’imfatakibanza.

  3. Ku wa 24 Rusama 2023

    Maksim yararekuwe mugabo aca apfungwa ic’amaso

  4. Ku wa 12 Mukakaro 2023

    Yaratanguye kuburana