Ja ku birimwo

Udutabu dutanga amakuru hirya no hino kw’isi

 

Ivyabona vya Yehova ni bande?

Ivyo Ivyabona vya Yehova bakora n’ingene batunganije.

Ibisohorwa n’Ivyabona vya Yehova

Ibitabu vy’Ivyabona vya Yehova biraboneka mu mpapuro no mu buhinga bwa none. Birafasha abantu kwiyegereza Imana no gutahura neza Bibiliya. Biragirira akamaro ababisoma, bikabafasha kuryohora ubuzima bwabo.

Ivyabona vya Yehova bafasha iki mu kibano?

Ivyabona vya Yehova barihatira kugira ico baterereye kugira batume aho babaye hamera neza biciye ku kwigisha abantu Bibiliya no mu gutanga imfashanyo.

Igikorwa co kwamamaza Ivyabona vya Yehova barangura

Ikintu nyamukuru kiranga Ivyabona vya Yehova ni ukubwira abandi inkuru nziza yo muri Bibiliya. None babigenza gute, kandi bigirira akamaro akahe abo mu kibano?

Ivyabona vya Yehova babona gute ubuzima bwo mu rugo?

Ivyabona vya Yehova barihatira gushira mu ngiro ivyo Bibiliya ivuga mu miryango yabo, bikagirira akamaro abagabo, abagore n’abana. Ivyo bica bituma babaho batekanye kandi bakundana. Abavyeyi babona ko bafise ibanga rihambaye ryo kwigisha Bibiliya abana babo.

Ibibazo bikunze kubazwa ku vyerekeye Ivyabona vya Yehova

Inyishu z’ibibazo cumi abantu bakunda kubaza ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova.

Ivyabona vya Yehova babona gute ivyo kubungabunga amagara?

Ivyabona vya Yehova babona ko ubuzima ari ingabire y’agaciro iva ku Mana. Babona ko ubuzima n’amaraso ari vyeranda. Barondera ko imiryango yabo ivurwa mu buryo bwiza bushoboka kandi barahimbarwa no gukorana n’abaganga mu kurondera uburyo bwiza bokoresha mu kubavura batarinze kubatera amaraso.

Ivyabona vya Yehova babona gute ibikorwa bisubirira ivya gisirikare?

Hari itegeko mpuzamakungu rimaze igihe ryemeje ko umuntu afise uburenganzira bwo kwanka kuja mu bikorwa vya gisirikare abitumwe n’ijwi ryiwe ryo mu mutima. Ivyabona vya Yehova barabishima iyo ubutegetsi bwubahirije iryo tegeko bukabaha ibindi bikorwa bitari ivya gisirikare bokora bitameze nk’igihano ariko bigirira akamaro ikibano.

Ivyabona vya Yehova boba bafise aho bahengamiye mu vya politike?

Mu buryo buhuye n’ivyo Bibiliya yigisha, Ivyabona vya Yehova ntibaja muri politike. Ubutegetsi bwinshi bwasanze kuba Ivyabona bataja muri politike bituma haba amahoro kandi buriyemerera ko Ivyabona ari abanyagihugu bubaha amategeko kandi bakagamburukira abategetsi.

Amakoraniro ajanye no gusenga Ivyabona vya Yehova bagira

Ivyabona vya Yehova babona ko gukoranira hamwe n’abo basangiye ukwemera bihambaye cane kuko bituma ukwizera kwabo gukomera. Amakoraniro yabo akunda kubera mu nyubakwa bita Ingoro z’Ubwami. Ahanini bariga Bibiliya kandi uwo ari we wese arashobora kuyitaba.

Ivyabona vya Yehova boba batabara abahuye n’ibiza n’isibe?

Igihe hateye ibiza n’isibe, Ivyabona vya Yehova barihutira kuronsa imfashanyo abo vyashikiye, bakabahumuriza, bakanabaremesha mu vy’Imana. Ubutegetsi hamwe n’amashirahamwe ajejwe ivyo gutabara, birashima cane utwo twigoro Ivyabona bagira.