Ja ku birimwo

Amakoraniro y’ishengero y’Ivyabona vya Yehova

Raba ibijanye n’amakoraniro y’ivy’ugusenga tugira. Raba aho abera hari hafi yawe.

Nurondere ahoba ari hafi yawe (opens new window)

Amakoraniro yacu y’ivy’ugusenga agirwa gute?

Ivyabona vya Yehova baragira amakoraniro y’ivy’ugusenga kabiri mu ndwi. (Abaheburayo 10:24, 25) Uwo ari we wese arashobora kuyitaba. Muri ayo makoraniro, turasuzuma ivyo Bibiliya ivuga be n’ingene twoshira mu ngiro inyigisho zayo mu buzima bwacu.

Akenshi haragirwa ivyo guhana ijambo n’abumviriza. Amakoraniro atangurwa kandi agasozerwa n’ururirimbo be n’isengesho.

Kugira umuntu yitabe ayo makoraniro si ngombwa ngo abe ari Icabona ca Yehova. Duha ikaze abantu bose. Kwinjira ni ku buntu kandi nta mahera yigera atozwa.